IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Umurwi wa Muzinga watahukanye ikibanza ca kabiri

Umurwi wa Muzinga watahukanye ikibanza ca kabiri

mercredi 28 Myandagaro 2013

Mw’ihiganwa ry’abasirikare bo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko ryatunganijwe muri uku kwezi kwa Myandagaro, ku bisata bitanuvyo kwinonora imitsi,Uburundi bwarigenjeje neza mu rukino rwa Basket, aho bwabaye ubwa kabiri.

Nk’uko bivurwa na colonel Juvenal Bujeje umukuru w’umurwi wa Muzinga, ibihugu bitanu biri muri ako karere k ‘Afrika y ‘Ubuseruko ni ukuvuga Uburundi, Rwanda ,
Tanzaniya hamwe n’igihugu c’Ubuganda. Uburundi bukaba bwaserukiwe mu bisata bitandukanye, aha twovuga ico kwiruka, Uburundi bwaronse ikibanza ca kane , basketball ikibanza ca kabiri, umupira w ‘maguru ikibanza ca 5 ,handball ikibanza ca kane netball ikibanza ca 5.

Ku vyerekeye ukungene vyari bitunganijwe, Colonel Bujeje yamenyesheje ko Uburundi bwagerageje, uravye uko imyiteguro iba. Muri izo nkino, igihugu ca Kenya catwaye imidari ine y’inzahabu mu mupira w’amaguru, mu kwiruka, handball no muri basketball. Ico gihugu rero gisanzwe ari naco cabakiriye, gifise ibibuga vyiza, mu nkino nka zose.

Umudari wa 5 w ‘inzahabu ukaba watahukanye igihugu ca Tanzaniya muri netball. Uravye rero ukungene ibibanza vyagiye biragenda bica vyibonekeza ko imirwi y‘inkino y‘abasirikare b‘abarundi igifise vyinshi vyo gukora kugira batere imbere nabo.
Intumbero nyamukuru y‘izo nkino ni ukugira bateze imbere ubuvukanyi no gukorera hamwe mu ntwazangabo zo mu bihugu biri mu karere k’Ubuseruko bwa Afrika, ndetse, n’ ivyivugo vy’ayo mahiganwa biravyerekana neza cane. Rikaba ribaye irya gatanu uUurundi buja muri ayo mahiganwa kuri ndwi, kuko ryatanguye mu mwaka wa 2009.

Ihiganwa rikurikira rikazobera i Dar es Salam muri Tanzaniya mu mwaka w ‘2014. umukuru w ‘umurwi wa Muzinga muri basketball urababazwa n’ingingo zimwe zimwe mu vyerekeye abahagarikizi, na cane cane mu gihe Uburundi bwahura n’igihugu ca Kenya, aho ndetse umuhagarikizi w‘igihugu c’Uburundi yaciye ahagarikwa, aca arakurwa ku rutonde rwabari bajejwe kuyobora izo nkino.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.