Accueil > Inkino > basketball > Umushiranganji Adolphe Rukenkanya yasiguye igituma amahiganwa azobera mu (...)
Umushiranganji Adolphe Rukenkanya yasiguye igituma amahiganwa azobera mu Cibitoke
vendredi 23 Rusama 2014
Amahiganwa y’urukino ry’umupira w’amaboko Basket ball yo mu gisagara ca Bujumbura yarangijwe n’ugutanga ubushimwe ku bakinyi n’imirwi yigenjeje neza. Amahiganwa yo ku rwego rw’igihugu azobera mu ntara ya Cibitoke, ikibanza kinegurwa na benshi.

Mu ntango hari hatowe intara ya Ngozi kugira yakire amahiganwa ya nyuma azokwerekana umurwi nserukiragihugu wa Basketball. Umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama yaraye akuye inkoni ku gishitsi ko izo nkino zizobera mu ntara ya Cibitoke.
Itorwa ry’intara ya Cibitoke ritangaza benshi kuko iyo ntara idafise ibibuga bimeze neza kandi nta n’amazu y’ingenzi ahari akwiye. Intara ya Ngozi naho ifise ibibuga bimeze neza, ikanagira n’amazu y’ingenzi azokwakira izo nkino, Adolphe Rukenkanya, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama amenyesha ko batoye intara ya Cibitoke kugira n’izindi ntara zibone ivyiza, na kare ko aho i Ngozi hazoba hariko habera ayandi mahiganwa y’abanonotsi.
Mwomenya ko izo nkino zizotangura kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Rusama, mu ntara ya Cibitoke. Iyo ngingo ifashwe mugihe intara ya Ngozi ariyo yari yatowe kugira yakire ayo mahiganwa mbere imyiteguro ikaba yari igeze kure.
Cherif Nkeshimana