Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umutwe wa William Shakespeare woba waribwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umutwe wa William Shakespeare woba waribwe

Umutwe wa William Shakespeare woba waribwe

vendredi 25 Ntwarante 2016, par egide

Ubushakashatsi bwakozwe mu minsi iheze bwerekanye ko umutwe w’umwanditsi rurangiranwa William Shakespeare woba waribwe ukurwa aho ashinguye mu Bwongereza.

Amakuru yatanzwe n’umurwi w’abashakashatsi yerekana ko baravye ahari imva y’uwo mwanditsi mu kibanza kigenewe umutwe, ntibawubonye, ariko bakaba babonye ikindi gihimba gisigaye.

Kevin Colls, umuhinga mu gukora ubushakashatsi kuri kahise, akaba yigisha muri kaminuza ya Staffordshire, ari nawe yari arongoye ubwo bushakashatsi, afashijwe n’uwo bakorana, Erica Utsi, yamenyesheje ko uwo mutwe ushobora kuba waribwe, kuko batawubona mu kibanza wategerezwa kuba urimwo.

JPEG - 71.6 ko
Aho William Shakespeare yashinguye

Abo bahinga bakoresheje ubuhinga bw’ivyuma biraba mu kintu no mu kuzimu hadatobowe (Radar), akaba ariho babona ko umutwe wa Shakespeare utari aho yashinguwe mu rusengero rwa Holy Trinity i Stratford.
Ubwo bushakashatsi ni kimwe mu bikorwa biriko birakorwa, mu bijanye n’ugutegura kwibuka imyaka 400 iheze Shakespeare apfuye.

JPEG - 84.1 ko
Abahinga bakoresheje ivyuma bihambaye mu kugenzura imva ya Shakespeare

Shakespeare azwi nk’umuhinga yabayeho muri kahise, ndetse bamwe bakaba bamwitirira ko ariwe se w’inkomoko w’ururimi rw’Icongereza, nkuko Moliere yitirirwa ururimi rw’Igifaransa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.