Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umutwe wa William Shakespeare woba waribwe
Umutwe wa William Shakespeare woba waribwe
vendredi 25 Ntwarante 2016, par
Ubushakashatsi bwakozwe mu minsi iheze bwerekanye ko umutwe w’umwanditsi rurangiranwa William Shakespeare woba waribwe ukurwa aho ashinguye mu Bwongereza.
Amakuru yatanzwe n’umurwi w’abashakashatsi yerekana ko baravye ahari imva y’uwo mwanditsi mu kibanza kigenewe umutwe, ntibawubonye, ariko bakaba babonye ikindi gihimba gisigaye.
Kevin Colls, umuhinga mu gukora ubushakashatsi kuri kahise, akaba yigisha muri kaminuza ya Staffordshire, ari nawe yari arongoye ubwo bushakashatsi, afashijwe n’uwo bakorana, Erica Utsi, yamenyesheje ko uwo mutwe ushobora kuba waribwe, kuko batawubona mu kibanza wategerezwa kuba urimwo.
- Aho William Shakespeare yashinguye
Abo bahinga bakoresheje ubuhinga bw’ivyuma biraba mu kintu no mu kuzimu hadatobowe (Radar), akaba ariho babona ko umutwe wa Shakespeare utari aho yashinguwe mu rusengero rwa Holy Trinity i Stratford.
Ubwo bushakashatsi ni kimwe mu bikorwa biriko birakorwa, mu bijanye n’ugutegura kwibuka imyaka 400 iheze Shakespeare apfuye.
- Abahinga bakoresheje ivyuma bihambaye mu kugenzura imva ya Shakespeare
Shakespeare azwi nk’umuhinga yabayeho muri kahise, ndetse bamwe bakaba bamwitirira ko ariwe se w’inkomoko w’ururimi rw’Icongereza, nkuko Moliere yitirirwa ururimi rw’Igifaransa.
IGIHE
Messages
26 Ntwarante 2016, 02:55, par NSAVYIMANA
None babuze igipongopongo cumutwe usanga aricocatanguye kubora hanyuma amaguru nama boko bizosubira bibure
29 Ntwarante 2016, 14:48, par J
BAGOMBAKUMUZURA KOYESU ARIWEYAZUTSE?
29 Ntwarante 2016, 15:01, par A
NTANIGIKANKARACASIGAYE?