IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umuvugizi wa Islamic State yishwe

Umuvugizi wa Islamic State yishwe

mercredi 31 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abu Muhammad al-Adnani, umwe mu bategetsi bakomeye, akongera akaba n’umuvugizi w’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu Isamic State) yishwe kuri uwu wa kabiri, mu gisagara ca Aleppo, mu gihugu ca Siriya.

Umwe mu bategetsi ba gisirikare ba Amerika amenyesha ko Abu Muhammad a-Adnani yishwe n’ibitero vy’indege, mu gihe yariko aracungera ibikorwa vya gisirikare vy’uwo muhari.

JPEG - 128.7 ko
Abu Muhammad al-Adnani, umwe mu bategetsi bakomeye, akongera akaba n’umuvugizi wa Islamic State

Amakuru ava muri Siriya, agatangwa na VOA, amenyesha ko uwo muvugizi wa Islamic State, Abu Muhammad al-Adnani, ariwe yari ajejwe kurondera abarwanyi hamwe no gutegura ibitero ku mugabane wa Buraya.

Mu mwaka uheze w’2015, Reta zunze ubumwe z’Amerika zari zemeye gutanga imiriyoni zitanu z’amadorare y’abanyamerika, ku wotanga amakuru yotuma Abu Muhammad al-Adnani afatwa.

Abou Mohammed al-Adnani al-Shami, umuvugizi wa Islamic State yavutse mu mwaka w’1977, mu karere ka Binnish mu gihugu ca Siriya. Amazina yiwe y’ukuri ni Taha Subhi Falaha.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.