Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Umwami Mswati wa 3 agiye gutwara ishirahamwe SADC
Yanditswe taliki ya 3-06-2016 - isaha 10:04' na IGIHE

Umwami Mswati wa gatatu wa Swazilande niwe agiye kurongora ishirahamwe SADC rijejwe iterambere ry’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubumanuko.

Ayo mabanga bitegekanijwe ko Umwami Mswati azoyashingwa mu nama y’abakuru b’ibihugu n’ama Reta yo muri ako karere yimirije kubera ku murwa mukuru Mbabane wa Swazilande mu kwezi kwa Myandagaro.

Ariko imihari iharanira intwaro rusangi muri ico gihugu imenyesha ko idashigikiye iryo genwa ry’umwami Mswati. Bamwagiriza guhohotera uburenganzira bw’abanyagihugu biwe mu kubabuza gushinga amashirahamwe no guserura ivyiyumviro.

Ni mu gihe kandi imigambwe yo muri ico gihugu yabujijwe kuja mu matora yama atunganwa n’umurwi ujejwe kuyatunganya.

Ku ruhande rw’abashigikiye Reta, bamenyesha ko ari umunezero kubona umwami Mswati agiye gushigwa ayo mabanga.

Ivyiyumviro vyanyu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.