IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umwami Mswati wa 3 yankiwe guhonyora ku butaka bwa Canada

Umwami Mswati wa 3 yankiwe guhonyora ku butaka bwa Canada

jeudi 19 Rusama 2016, par egide

Indege yari ireruye umwami Mswati wa gatatu wa Swaziland yankiwe kurwa muri Canada ku ncuro ya kabiri mu myaka ibiri nyene, kubera amatati y’amadeni.

Iyo ndege y’umwami Mswati yabujijwe kugwa kubera urubanza ruri muri sentare, aho uwahora akorana urudandaza n’uwo mwami yamuka mu gihugu ca Singapour, ariwe Shanmuga Rethenam, yamwitwariye, avuga ko yishuza ubwami bwa Swaziland amafaranga y’amadorare agera ku miriyoni umunani, nk’uko BBC ibivuga.

JPEG - 31.4 ko
Umwami Mswati wa gatatu wa Swaziland

Percy Simelane, umuvugizi wa Reta ya Swaziland yarahakanye kuri uwu wa gatatu ko umwami Mswati wa gatatu afise ideni iryariryo ryose, avuga mbere ko ata vyinshi afise ashikiriza kuri izo mpari, kuko urubanza ruri muri sentare.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.