Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umwe mu batwara Al-Shabaab yishwe n’ingabo z’abanyamerika
Umwe mu batwara Al-Shabaab yishwe n’ingabo z’abanyamerika
jeudi 19 Ntwarante 2015
Umwe mu bayobozi b’umurwi w’abihevyi Al-Shabaab, mbere yagirizwa kugaba ibitero vyabaye mu gihugu ca Kenya ku nzu y’ubucuruzi Westgate mall, yishwe n’indege yitwara yitwa "Drone" y’abanyamerika.

Reta zunze ubumwe z’amerika zatangaje ko indege yabo iri mu bwoko bwa "Drone"yishe umwe mu batwara umurwi w’abihevyi w’Al-Shabaab, Adan Garar .Adan Garar yagirizwa kuyobora ibitero vyakorewe ku nzu y’ubucuruzi mu gihugu ca kenya, bigahitana abantu 67 na 175 bakomeretse mu mwaka w’2013.

Adan Garar ni umwe mu bagize inama y’umutekano n’iperereza, vyongeye akaba umuhuzabikorwa w’ibitero vya Al-Shabaab hanze ya Somalia.
Ivyo bitero vyabereye hafi y’igisagara ca Diinsoor mu gihugu ca Somalia, Adan Garar akaba yishwe ari mu muduga wari umutwaye.Ingabo za Reta zunze ubumwe z’Amerika zivuga ko ibitero bakoze vyagenze neza kandi bakemeza ko Adan Garar yishwe muri ivyo bitero.
Kuri Reta zunze ubumwe z’amerika ni igikorwa gikomeye co kwica umwe mu batwara abihevyi b’Al-Shabaab kandi umwe mu bantu baronderwa cane, ivyo bigashobora guca intege uwo murwi .
Mwomenya ko Al-Shabaab iherutse gukora ibindi bitero mu gihugu ca Kenya, bikaba vyahitanye abantu 4 imbere yuko Reta zunze ubumwe z’Amerika ishikiriza ko yishe Adan Garar.
Lorene Nubwabo
Messages
19 Ntwarante 2015, 14:17, par Doro
Abo B a Al shabab bashaka iki kweri!!! Imyaka nimyaka ngo intambara ngo bitwaje idini rya iSLAAM!!! Nico gituma iryo dini jewe ntaryemera kubera nabantu bose nzi bakora ibibi bose baba bitwikiriye badasiba mumisigiti mugabo ikibi kiba kiri muribo ari akamuna wapiii iryo Dini ntawuryemeraaa .
19 Ntwarante 2015, 19:39, par Vyisi Lio
Nivyiza Canenimba Yapfuye Ariko Siwomuti kuko Nabihevyi Ntibatinya Imana Yabasokuru Yivugiyo Uwuzokwaka Ubuzima Uwundi Nuwiyahuye Atazobabarigwa. Ariko Abasirikarebacu Barabakoreye Inkono Ishushe Nibazako Bitakuna Ntibasohoka Uruzitiro