IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > UPARED isaba ko umushingamateka ayiserukira yokurwa mu mabanga

UPARED isaba ko umushingamateka ayiserukira yokurwa mu mabanga

lundi 31 Myandagaro 2015

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abatwa kuja mw’iterambere UPARED risaba ko umushingamateka yarungitswe n’iryo shirahamwe Marie Chantal Nshimirimana yokurwa mu nama nshingamateka.

Umunyamabanga w’ishirahamwe UPARED Nzeyimana Celestin amenyesha ko bandikiye umukuru w’inama nshingamateka bamusaba ko yokura muri ayo mabanga Marie Chantal Nshimirimana kuko yanse gushira mu ngiro ivyo yiyemeje akigenwa ngo aserukire ishirahamwe.

Nzeyimana Celestin avuga ko umushingamateka Marie Chantal Nshimirimana yari yemeye gutanga ibihumbi amajana atanu ku kwezi agakora n’ibindi bifasha ishirahamwe,kandi akabikora kw’izina ry’ishirahamwe.

Kubwo umunyamabanga w’ishirahamwe UPARED,mu gihe umukuru w’inama nshingamateka ataco yokora kuvyo bamusavye,abanywanyi b’ishirahamwe UPARED bashobora kuja mw’ibarabara bagasaba ko umushingamateka Marie Chantal Nshimirimana akurwa mu nama nshingamateka.

Ku ruhande rwiwe,umushingamateka Marie Chantal Nshimirimana avuga ko ivyo yagirizwa ari ububeshi,kandi ko n’ikete rivugwa ryarungikiwe umukuru w’inama nshingamateka ata kopi yaryo yaronse.

Umushingamateka Marie Chantal Nshimirimana avuga ko ibiriko biraba bikorwa n’akarwi k’abantu batatu harimwo umukuru w’ishirahamwe,uwujejwe gutunganya ibikorwa n’umunyamabanga w’ishirahamwe.

Umushingamateka Marie Chantal Nshimirimana asaba umukuru w’inama nshingamateka ko imbere yo kugira ico akoze yobanza kumuhamagara bakavugana.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Uwo Mutwa Ari Kuri Iyo Foto Nabe Ariwe Avamwo

  • Ico Cari Igiturire Mwamwats Sentar Ijejw Kurwanyibiturir Nigikorereko Uwo Mupfasoni Naw Nageragez Abishir Ahabona.

  • Gusezerana ntushitse nicaha rero uwomutwakazi chantal yiyemeje ivyadashobora gushitsa nakugwe

  • Ni bamwirekere atanga ayo akuye he.Nawe nyene uwoyamuha yoyatora.

  • Ni bamwirekere atanga ayo akuye he.Nawe nyene uwoyamuha yoyatora.

  • Nambarukwo muritanze kubajejwe kurwanya ibiturire mwerekanye impapuro zerekana hoyasinye kwazozarayatanga ahubwo sugukurwa mumabangagusa niryoshirahamwe rirahagirira ikibazo (igiturire!!!)

  • None abobarundi bomuriryoshirahamwe ryabatwa babuze umuntunumwe yemera gutanga ayomahera yigiturire bocabareka gutanga uwujamwico kubanza cubushingamateka?

  • @ Kiriyo, mbega uwowavuze arikwiphoto abayumutwa canke akabumuhutu canke akabumututsi ahoyobarimubwoko buzwin’Imana gusumbubundi nihehe? Jewe birambabaza iyonumvise umuntabwira uyundingo ngo wamutwawe canke ngo wamututsi canke ngowa muhutuwe akabimubwira kubwinabi nokubwagakengere. Jewe ikinezereza nukowovuga ayomoko kubwineza nkokuvugango wamutwawe ndashaka dufatikanye mubikorwa vyiterambere mugihugu cacu, gico icodukenereye kuvuga amoko Imana yahaye u Burundi arikokuvugango wakijujuwe cubwoko ubunubu ivyontacobimaze kuko nibisesema Imana.

  • Mbega abo bavuga ko ari igiturire basavye uwo chantal mwoba Muzi igiturire igihe bagitanga kikitwa igiturire ?igiturire ni kirya utanga rimwe rizima ugaca uronka akazi.uzogende ubaze abantu bose bahawe akazi n’umugambwe kanaka wumveko badatanga amahera muruwo mugambwe kukwezikukwezi!nimba baravyumvikanye ategerezwa kuyatanga.ariko rero kwikura ibihumbi 500000fbu ngo uriko urabitanga kukwezi ,asha bamukoreye inkono ishushe kweri.kandi nawene yoba yemeye umuzi w’ibuye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.