IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Uruganda Ikoh Multiservice rwarahaye agashimwe umuririmvyi Hope (...)

Uruganda Ikoh Multiservice rwarahaye agashimwe umuririmvyi Hope Irakoze

samedi 1er Ntwarante 2014

Uruganda rw’inzu ihinyanyura indirimbo, ikora amasanamu n’amareresi Ikoh Multiservice ryaraye rishize k’umugaragaro umugambi mushasha You’ll Love Changes Vol.1. Uwo mugambi n’uwo gufasha abaririmvyi n’abakinyi b’amareresi bo mu Burundi mu gukora amasanamu n’indirimbo vyiza bishobora kuja mu mahiganwa.

Ejo haheze kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma, mu kigo gikoreramwo c’uruganda rw’inzu ihinyanyura indirimbo, ikora amasanamu n’amareresi Ikoh Multiservice, haruguruwe k’umugaragaro umugambi mushasha wogukorana n’abaririmvyi n’abakinyi b’amareresi mu gukora amasanamu n’indirimbo vyiza. Ivyo vyaboneka ku rutonde rw’ibigiye kuzokorwa muri uyu mwaka kuva umunsi wo kwugurura ivyo bikorwa.

Muri ivyo birori, Ikoh Multiservice yarerekanye igikorwa ca mbere yakoranye n’umuririmvyi Irakoze Hope aherutse kuronka agashimwe kitiriwe Tusker. Ikoh yakoze amajwi yongera ikora n’isanamu Video y’ururirimbo uwo muririmvyi yaririmbanye na Samantha. Mwomenyako Ikoh yatanze agashimwe k’umuririmvyi Hope ku kibanza yahesheje Uburundi mu gihe c’amahiganwa ya Tusker. Mwomenyako ako gashimwe katowe n’uwo bavukana kuko wewe ari mu rugendo muri Kenya. Si abo gusa, harerekanwe kandi n’abandi baririmvyi bazwi canke bamaze kwiha ikibanza mu muziki w’Uburundi bamaze gukorana na Ikoh.

Ikoriciza Haruna (ari naho hvuye izina Ikoh) arongoye urwo ruganda, amaze kuvuga muri make urwo ruganda, Yoya Jamal yatowe ngo avuge ku ruhande rw’abaririmvyi, yarashimye umugambi mw’iza wo guteza imbere abaririmvyi b’abarundi, ahamaagrira abandi baririmvyi bose kwitaho ibikorwa vya Ikoh Multiservice mw’iterambere ry’abo.

Eka n’abakina amareresi, baserukiwe na Emy yavuze mu ntumbero yo gushima,nawe abonako igisata c’amareresi kigiye kuhatorera akoyokwe. Abafashe amajambo bose, yaba uwaserukiye Umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama, ari nawe yatabuye igitambara co kwugurura ivyo bikorwa, yarashimye cane iciyumviro kigiye mu ngiro ca Haruna, kuko ngo reta ishaka abantu bashoboye gukura amaboko mu mpuzu hanyuma bagasaba ko bofatwa mu mugongo ariko bamaze kwerekana intambwe.

Bruno Simbavimbere, ahagatiwe n’isinzi ry’abaririmvyi bari bitavye ivyo bikorwa yahamagariye abaririmvyi kwijukira umuziki bareke impari bita "beef",umwe wese akore akazi kiwe ata kurabana igitsure.

Hari abaririmvyi nka bose bazwi baririmbira mu Burundi kiretse Farious akiri mu rugendo mu gisagara ca Dubai


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.