Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Urukurukuru rw’urupfu rwa Santiago rwabeshujwe
Urukurukuru rw’urupfu rwa Santiago rwabeshujwe
dimanche 1er Nyakanga 2013
Urukurukuru rwavuga ko Cristobal Lander benshi bita Santiago ko yoba yaraye yitavye Imana, rwabeshujwe mw’itangazo uyo mukinyi w’amareresi yashize ahagaragara abicishije ku muvugizi wiwe.
Santiago benshi bazi mw’ireresi yitwa Daniella, ireresi yakunzwe cane n’abantu benshi harimwo n’abarundi, kuri uyu wa 31 Myandagaro, igihe c’isaha indwi n’igice z’umutaga, hiriwe urukurukuru ruvuga ko uyo mukinyi w’amareresi yitavye Imana. Iiyo nkuru mbi ikaba yaciye ku buhinga ngurukana bumenyi bwa Twitter. Ico gihuha rero cavuga ko Santiago yoba yitavye Imana,caciye ku maradiyo atandukanye ndetse no ku mboneshakure zo mu gihugu ca Venezuella aho asanzwe avuka. Muri ico gihe na bamwe mu muryango wiwe baravyemeje ko uwabo yamaze gusezera isi. Urwo rukurukuru rero gushika no kuri uyu w’Imana mu gatondo rwari rukivugwa ko uyo mukinyi rurangiranwa atakiriho, ndetse n’ibinyamakuru bitandukanye vyo kw’isi bikaba vyari vyatanguye kwandika iyo nkuru mbi.

Mu bucagu cagu bwo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 1 Nyakanga, niho umuvugizi wa Cristobal Lander yabeshuje iyo nkuru mbi, avuga ko Santiago ameze neza, ko atigeze yitaba Imana. Abakunzi b’uyo mukinyi w’amareresi rero bakaba basubije umutima mu nda, mu gihe umubabaro wari wose muri ico gihugu ca Venezuela, ndetse no mu bindi bihugu. Ubuhinga bwa Twitter rero, ni ubuhinga bunyarutsa kumenyesha inkuru, ari naco gituma abantu bohagabira ku nkuru z’umushuhira nk’izo nk’uko vyarangijwe bivurwa n’umuvugizi wa Santiago.
Christobal Lander (Santiago) ni nde?

Christobal Lander yavukiye mu gihugu ca Venezuela, mu gisagara ca Caracas kw’igenekerezo ry’8 Ruheshi mu mwaka w’1975. Mu mwaka w’2007 niho yubakana na Gaby Espino, mu nyuma barahukana mu mwaka w’2011, ariko bakaba bafitaniye umwana umwe w’umwigeme yitwa Oriana w’Imyaka itandatu. N’aho bavanye, bivurwa ko ubucuti bwabo bwahagumye, ndetse mu kwezi kwa Mukakaro bakaba bompi barahurira ahantu kugira bashobore kugirira umunsi mukuru w’amavuko y’umwana w’abo.

Ubu rero Santiago akaba abana n’uwundi mukenyezi, ariko kandi ntikibuza ko mu gihe c’uburuhuko, Oriana aza kuramutsa se, ndetse bakamarana igihe kinini, arikumwe na muka se. Gaby Espino azwi kw’izina rya Manuella mw’ireresi El Diablo, amaze kwahukana na Santiago, akaba yaciye aja kwubakana na Jencarlos Canela azwi nawe nyene mw’ireresi ya El Diablo kw’izina rya Dialo. Muri iyo reresi nyene, Manuella na Diablo, bakaba bakinye ari umugore n’umugabo. Ubu bafitaniye umwana umwe w’umuhungu yitwa Nickolas Canela Espino.


Aristide Nizigire