Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani rwatsinze New Star bitoroshe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Urunani rwatsinze New Star bitoroshe

Urunani rwatsinze New Star bitoroshe

lundi 13 Gitugutu 2014

Imirwi y’URUNANI na NEW STAR yaratanye mitwe mu rukino ryokwugurura amahiganwa y’umupira w’amaboko "Basket" yo mu gisagara ca Bujumbura. Igikombe catahukanye umurwi w’URUNANI.

Imirwi mikeba mu mupira w’amaboko yaratanye mu mitwe. Imirwi y’Urunani na New Star yabonekamwo abakinyi bashasha biboneka nk’uko harimwo kwerekana abakinyi bashasha iyo mirwi yaguze. Nk’uko iyo mirwi ari mikeba, urukino ntirwari rworoshe kuko bose baniganira intsinzi vyaboneka ku manota aho imirwi yagenda iruhsanya amanota make cane. Intsinzi yatahukanye umurwi w’URUNANI ku manota 53 kuri 52 ya NEW STAR.

Zacharie Nzeyimana arongoye ishirahamwe rya Basketball amenyesha ko urwo rukino ari kwugurura amahiganwa yo mu gisagara ca Bujumbura agiye gutangura kuva ku magenekerezo ya 17 na 18 Gitugutu. Imirwi 6 y’abahungu bakuze ( Senior), imirwi 11 y’abahungu bakiri bato( Junior) hamwe n’imirwi 3 y’abakobwa bakuze( Senior). Iyo mirwi y’abakobwa ishobora kwiyongera ko umurwi w’igisagara ca Bujumbura "Equipe de la Mairie".

JPEG - 90.3 ko
Nzeyimana Zacharie

Mwomenya ko igihe URUNANI rwakina na NEW STAR hari hategekanijwe n’urukino rw’imirwi y’abakobwa rutashoboye kuba kubera imirwi yari gukina yanse kwitaba akamo yatewe. Vyoba vyavuye ku gashavu kuko yankirwa kwitaba inkino za karere ka gatanu.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.