Urwanda ruvuga ko rwirukanye Abarundi batagira ivyangombwa

Yanditswe na IGIHE
Kuya 18 mai 2016 saa 01:26
Yasomwe : 32706
0 0

Igihugu c’Urwanda kimenyesha ko cirukanye Abarundi bagera ku 1500 baba muri ico gihugu ata vyangombwa bafise. Ico gihugu gisigura ko casavye abo birukanwe kuja kurondera ivyo vyangombwa, nibabironka babone kugaruka.
Ubutegetsi bw’Urwanda busigura ko ukwo kwirukana Abarundi kwatanguye ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 13 Rusama 2016. Reta y’Urwanda yatangaje ko Abarundi batirukanywe kuko ari Abarundi, ahubwo ko ari mu rwego rw’abanyamahanga baba mu Rwanda bitandukanye n’amategeko. (...)

Igihugu c’Urwanda kimenyesha ko cirukanye Abarundi bagera ku 1500 baba muri ico gihugu ata vyangombwa bafise. Ico gihugu gisigura ko casavye abo birukanwe kuja kurondera ivyo vyangombwa, nibabironka babone kugaruka.

Ubutegetsi bw’Urwanda busigura ko ukwo kwirukana Abarundi kwatanguye ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 13 Rusama 2016. Reta y’Urwanda yatangaje ko Abarundi batirukanywe kuko ari Abarundi, ahubwo ko ari mu rwego rw’abanyamahanga baba mu Rwanda bitandukanye n’amategeko.

Umushikiranganji ajejwe impunzi, Séraphine Mukantabana yabwiye abamenyeshamakuru ko abo barundi batirukanywe burundu mu Rwanda, ahubwo ko basabwe kuja kurondera ivyangombwa, babironse bakagaruka.

JPEG - 465.1 ko
Umushikiranganji ajejwe impunzi, Séraphine Mukantabana

Mu gihe Uburundi buvuga ko iyirukanwa ry’abo barundi rifitaniye isano n’umubano hagati y’Uburundi n’Urwanda utifashe neza, Reta y’Urwanda yavyamiriye kure, ivuga ko abasabwe kuja kurondera ivyangombwa nibabironka bazogaruka kandi bakabandanya imirimo yabo.

Mu kiganiro bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda bagiranye n’umwe mu bakozi b’igisata kijejwe impunzi mu Rwanda, bamenyeshejwe ko mu birukanywe ata mpunzi n’imwe irimwo, ahubwo ko ari abandi barundi bari basanzwe baba mu gihugu c’Urwanda mu buryo butandukanye n’amategeko.

Abarundi barenga ibihumbi bibiri nibo bamaze kumenyekana ko birukanywe mu gihugu c’Urwanda. Abirukanwe bose biboneka ko ari abanyagihugu batobato, benshi bakavuga ko bakora ubuzi bwo kurima.
Abafise imirima n’ayandi matungo atunguruzwa bavuga ko babisizeyo, hamwe n’imiryango yabo, abo akaba ari abari bubakanye n’abanyarwandakazi. Muri abo birukanwe baharurwa mu bihumbi bibiri birenga , hari abagera kuri 200 baciye mu ntara ya Ngozi, nk’uko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye, abimenyesha, akavuga ko iryo yirukanwa ry’Abarundi ryerekana umubano mubi w’Urwanda.

Pascal BARANDAGIYE ashikiriza ko benshi mu birukanwe baturuka mu ntara ya Kirundo muri komine Ntega. Abandi nabo baturuka mu ntara za Ngozi, Karusi, na Muyinga, gushika kuri uwu wa gatatu, hakaba hacibonekeza ababandanya gushika, cane cane muri komine Ntega, intara ya Kirundo.


Kumenyekanisha

1
MAST 17-07-2016 à 09:18

NIBATAHE NTANTAMBARA IRIHO !

2
JIMI 25-05-2016 à 21:30

Emwe None Ko Abarundi Dukenye Muzotwirukana Kugezaryari ? Nimukobye Naje Ndinyuma Gushakisha Agafaranga

3
Eric 21-05-2016 à 23:32

najenZozandi,Eric.

4
turaje 21-05-2016 à 15:02

bazane ibyangombwa bagaruke ndumva ntagitangaza kurimwo murabona abongabo itunga basize arizihe ziruta izo abanyarwanda basize muri Tanzania ? icyo dushaka numutekano wigihugu cyacu ntakindi abasakuza mukomeze musakuze

5
Mata 20-05-2016 à 14:41

Abarundi bakundakutuvogera,nibubahirizemategeko

6
cakira 20-05-2016 à 08:17

Haaaaaa ! ubwo uyu sumuhabara wa kagame ?

7
CAKIRA 19-05-2016 à 07:09

emwe ugwanda nagwo rurarushe !kagame izina niryo muntu eka aragamye kubana,barundi ndababaze tumutize akazina keza kitwa NKURUNZIZA ?

8
Avec 18-05-2016 à 21:33

Tuzokwemera tubahe ivyovyangombwa mubasaba ariko bagaruke Rwanda kuko kubabari Rwanda harihicobidufasha ntashobora kuvugira ngaha kuko iyobaba bataribariyo harivyotutarikumenya namakungu gurtyo.

9
NYISHU Orginal 18-05-2016 à 20:14

IVYANGOMBWA sico kibazo gikuru,ikibazo ni UBUGOME bwanyu gusa bwo gutandukanya ico Imana yifatanirije : UMUGABO N’UMUGORE.

10
gahungu 18-05-2016 à 17:34

Mbega mwebwe muvuga ko abirukanywe ari abahutu ikibazo coba ciri hehe ko basubiye iwabo icindi kandi namwe abatutsi mufise ngaho aho kugirango mubagandagure ni mubarungike base i Rwanda Hama ibibazo bihere

11
Démocrate SINDUMUJA 18-05-2016 à 16:58

Ahubwo iyo babafunga ntibabirukan,kuk bans kwitwa impunzi ?izo niza mbonerakur iperereza rikoresha mu gusesa amaraso,n’ibindi bihugu nibikor uko nyen mu gukingira abarundi babihungiyemwo

12
tari 18-05-2016 à 16:13

Abobarundi Bose bazagucumbika irwanda batagira ivyagombwa nimubirukane atanumwe musize kuko izonimbonerakure za nkurunziza zishaka kugandagura abarundi babahungiyeko mugukiza amagara yabo hamwe nugushaka guhungabanya umutekano wabanyarwanda muri rusangi ntimubemerere ahubwo turabakeje kuriyo ngingo nziza mwafashe

13
Kegis 18-05-2016 à 14:41

URABESHA !!!! ABATAGIRA IVYA NGOMBWA NI ABO MU BWOKO BUMWE ??????

14
Signorina 18-05-2016 à 14:11

Mbega umugore !!! Agira aturike, ntibitagaje Kagame ntazi kwihangana agira umujinya vuba nico kintu ndusumba abanyarwanda, ntiduta ibintu mu rudubi turiweza ibintu ubwambere tugafata decision hanyuma, twebwe dukoresha ubwitonzi.
Iri yirukanwa rya barundi ni kubera ONU yatanze icegeranyo.

15
JOEL 18-05-2016 à 13:53

none abazobura ivyo vyangombwa ntambabazi bazoca baheba ivyabo nababo

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha