IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Urwanda rwiteguye kuganira n’Uburundi kuri FDLR inyuma y’ibibazo (...)

Urwanda rwiteguye kuganira n’Uburundi kuri FDLR inyuma y’ibibazo burimwo

dimanche 22 Munyonyo 2015, par egide

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo yamenyesheje ko mu gihe cose Uburundi buzoba bwavuye mu bibazo vya poritike bibwugarije muri iyi minsi, Urwanda rwiteguye kuganira nabwo ku kibazo c’aba FDLR bivugwa ko bajabutse umupaka wa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo, bakerekeza mu Burundi.

Umushikiranganji Mushikiwabo yabivuze kuri uwu wa kane, inyuma y’itangazo rya Reta y’Uburundi rivuga ko ataba FDLR bigeze baba ku butaka bw’Uburundi kandi ko batazigera bahaba.

Abarwanyi ba FDLR batangiye ibikorwa vyabo mu mwaka w’2000, bakaba bagirizwa kuba bagizwe ahanini n’abakoze ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu 1994, Urwanda.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru The EastAfrican, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu akaba n’umuvugizi wa Reta y’Urwanda, Louise Mushikiwabo, yavuze ko Uburundi ubu buri mu bibazo, arico gituma ivyo bihugu bitoja muvyo kwagirizanya.
Yagize ati : “Nk’uko nigeze kubivuga, dushaka kuganira nabo umunsi igihugu cyasubiye ku murongo. Twagaragaje icyo kibazo na mbere y’uko ibiri mu Burundi bitangira. Nibamara gushyira ibibazo byabo ku murongo, tuzabegera n’icyo tukiganireho (FDLR).”

JPEG - 49.7 ko
Louise Mushikiwabo, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu akaba n’umuvugizi wa Reta y’Urwanda

Yabandanije agira ati : “Ntabwo dushaka kubongerera umuzigo. Tuzagira umwanya wo kuganira ibyo bibazo.”

Mu kiganiro aheruka kugirana n’ikinyamakuru co mu Budagi, Die Tageszeitung, umushikiranganji Mushikiwabo yavuze ko igihe ibibazo vya poritike mu Burundi vyatangura, abarwanyi ba FDLR bajabutse umupaka bava muri Kivu y’Amaja Epfo, bakerekeza mu Burundi.

Uburundi bwo buvuga ko Urwanda ata bimenyetso bifadika bwagaragaje vyerekana ko abo barwanyi bari ku butaka bwabwo, kandi ko n’icegeranyo c’abahinga b’inama mpuzamakungu y’ibihugu vy’akarere k’ibiyaga bigari, CIRGL cashizwe ahabona cerekanye ko abo barwanyi atabari mu Burundi.

Ahubwo Uburundi bwagiriza Urwanda kugira uruhara mu guteza umutekano muke muri ico gihugu, ndetse ko hari Abanyarwanda bafatirwa mu Burundi bafise uruhara mu ngwano ziberayo.


IGIHE

Messages

  • INTERAHAMWE nibikoko vyo mwishamba.Uravye ingene bakuramwo imitima abantu biragaragara ko ubwonko bwabo bwiyumvira gusa gusesa amaraso. Isi yose yarabakuyeko amaboko kiretse NKURUNZIZA yabahaye akazi. Izo nyamaswa nizo kurwanya pas de negociations possibles avec eux. Igishoboka bazopfa bangara nka GAHINI.Babereye kubana nibikoko bakava mubantu kk amabi bakoze mu Rwanda ararenze.Nkurunziza yomenya ko no mu BURUNDI tutazobakira nabahembe abo bishe bararenze kandi abakure munzego zumutekano z-u Burundi kandi vuba

  • abanyagwanda bagombakutubahafi nuko dufis ibikanganyoni bitagira ubwenge!

  • Ugwanda mushaka kubaho mureke kwivanga mukibazo c’uburundi gishobora kubabera kibi uburundi si congo mwagize icibare canyu muraze murabe ko rutitaha nabo mwigira NGO bacitse kwicumu ubuho ntibazoricika ndabarahiye.

  • Ushaka wosaba imbabazi uburundi nayo ivyejo bibarabejo ibibiri Burundi uvuzengobirangiyenguzoganira nuburundi warikwiye kumenyako nawe ejo atasaganyirizo uzobufise uyumusi urikoraseka ariko ijonamarira uyumusi Burundi turikoturarira ejonimpundu burya ikintucose numwanya waco urakoze bikayamajambo ndakubwiye ejobundiya nzoyakwibutsa niyabanahonyene inkundura yimirije izobayagusize urimuzima.

  • @Concilie Niyongabo. Abarindi muzi kibeshya kweri. Ntamunyarwanda uri mubibazo byanyu. None se wangunzu we urya mugabo muherutse kuvanamo umutima siyari umuyoboke wa CNDD.

  • tuzo nezerwa muganuriye ibibazo bihari bigatorerwa inyishu, kuko burya muri politic atamwansi canke inshuti bihoraho,harabwa inyungu. izonterahamwe bavuga Peter yabarungikiye nyinshi aho ikigali harimo nurya bita Mushayidi ari mugihome, namwe ni mumurungikire abashatse gutembagaza ubutegetsi bwiwe bose, nawe niba hari abasigaye azoca abarondera abohereze.

  • Bacumugani mukirundi nguwo runaniye kubaka ntabura uwata kwibimaramare,URWANDA nta musi ruzigera rwijira mubibazo vyu BURUNDI.iconzi nu ku RWANDA rwakiriye impunzi zariko zikiza amagara, nkukwibihugu bibanyi navyo vyazakiriye impuzi.rero ni tureke kwi jiza ingorane dufise ku RWANDA iwabo igihugu kiratekanye,

  • ndababajwe nawe wiyita Concilie kuko ntabwo uramenya imana niba uri Umukristu kuko wari ukwiye gusabira abo bose bica abantu ataco babaziza.Iwacu si aha kw’isi kubwivyo ntaburenganzira bwokwica .Bantu twandika

  • Nukuri ukuri kurababaza!! Ariko mu Burundi ntasoni zo guhakana ko FDLR zitari mu Burundi? Ninde atazi ko na bakuru bazo bari mu Burundi. zirimu Gipolisi mu Gisoda kuma Barabara hosi nizo zija imbere mukubaga abantu ivyo birazwi gosi. Ukuri kuzoteba guseruke mbundabunde abonwa nuhagaze!!!

  • @Irabona (alias Icyaduka) . Muzaririmba FDLR kugeza amaso abavuyemo akagwa hasi nkuko abazungu i Burayi birwa baririmba genocide bafatanyije n’inkoramaraso karahabutaka (Kagame). Murabeshya abarundi bari maso bazabakosora mpaka mwishe Adolphe gusa havutse ba Adolphe 1000. Tekereza nkuriya muntu wundi wiyita Mpozamarira. None abatutsi (Sindumuja) muzashira amarira ryari mugihe mutavana amaboko mumpuzu ngo mukore. Harya ngo politique yanyu yitwa’Muhutu hinga njye mututsi nsarure’!!

  • Nimureke sha gukokeza. ABAKURA IMITIMA ABANTU SE SI BARIYA BIYITA BA SINDUMUJA??? mwagiye mureka bubesha. ngo interahamwe!!!! mbe mwibaza ko abatutsi bari mugisoda c’uburundi bokwemera ko interahamwe zinjira muburundi???? za muvuga ibintu biromwo ubwenge ntimupfe GUSHUSHA IMITWE ABANTU GUSA mushakira inyungu zintambara aho zitari.

  • Uyu mubyeyi wa Kagame utazabona umuhungu we ayobora Manda ya 3, ntiyabaye umubyeyi gito. Yareze abana be mu bihe bigoranye; mu bukene n’ubupfakazi, arabanambira kugeza bakuze.

    Umukobwa we mukuru Marice Rutagambwa yaje kurwara Bipolar; indwaray’ibisazi; amurwariza mu rugo kugeza uyu munsi ubwo atabarutse. Mu bintu bigoranye Asteriya yahuye nabyo harimo icyo gupfakara mu bukene, kurwaza imfura ye Marice ikamupfira ubusa mu maso, nyuma hakubitiraho no kurera bucura bwe Kagame wagaragaje ubuhararumbo akiri muto! Yaramugoye cyane ku buryo butandukanye: kwanga kumva icyo amubwiye, kwivumbura bya buriho, kwanga ifunguro yabaga yababoneye ngo amuhime.

    Abenshi banakeka ko uko kwivumburira ibiryo ari nako kwavuyemo ukunanuka karande kwa Kagame, ari na byo byamuviriyemo kurwaragurika kugeza n’ubu! Ibyo byose Asteriya yarabyihanganiye kugeza aho abana be bose bakuriye, ariko kugeza n’ubu atabarutse, ajyanye agahinda gakomeye ko kuba atarabashije guca ku umuhungu we rukumbi ingeso mbi z’umwanga, ubugome, ishyari, ubukirabuheri no gukunda ikuzo bikabije; bimubuza kubana neza ku Isi n’inshuti nabavandimwe. Amakuru Ava kwa Rutagambwa aremeza ko mu bintu byamubabaje kandi akanabigaragariza umuhungu ari ifungwa n’iyicwa rya Karegeya, ariko ntibigeze babyumvikanaho na rimwe.

    Cyokora ikintu tutabasha guhamya, ni ukumenya niba uwo mukecuru atabarutse azi neza ko umuhungu we ari ku bushorishori bw’abanyagitugu muri iyi si ya Rurema! Perezida Kagame abuze umubyeyi we nyuma y’iminsi mike nyina wa Colonel Byabagamba yitabye Imana. Tom Byabagamba na muramu we Gen Rusagara babarizwa mu buroko, ntibashoboye guherekeza, umwe nyina, undi nyirabukwe bwa nyuma, kuko Perezida Kagame atabagiriye impuhwe zo kubaha uruhusa nk’urwo, kandi azi neza ko yabafunze abaziza akamama. N’abandi bavandimwe babo bari kuhababera, Kagame yabahejeje ishyanga, bityo umukecuru ashyingurwa n’inshuti nke zatinyutse kwihara.

    Byatangaje abantu benshi kubona Perezida Kagame uzwiho kuba yarishe abantu batabarika, agahohotera abandi ndetse akica na bamwe mu bamushyize ku butegetsi, uyu munsi abyuka avuza iya bahanda ko ababajwe n’uko nyina yitabye Imana. Bamwemu Banyarwanda batangajwe n’ukuntu amaze igihe yigamba ku maradiyo na televisiyo, avuga ko hari abagomba kwicwa, agakina ku mubyimba ku miryango yahekuye ya Rwigara na Colonel Karegeya; yarangiza ati ndababaye napfushije!!!! Impunzi z’abanyarwanda yamariye muri Congo n’ahandi hose mu mahanga nazo zarimwo ba nyina b’abantu, none Kagame arateruye atera abanyarwanda imbabazi ngo nyina yari rusumba bose.

    Ariko ye!!!! ESE ubu hari uwakwemera ko uyu Kagame ari we wabujije inshuti n’abavandimwe kujya gushyingura nyina wa Gen Kayumba Nyamwasa ndetse akaba ari we wabujije Uganda kwakira Colonel Karegeya ngo ashyingurwe iwabo Mbarara kugeza aho ashyinguriwe muri Afurika Yepfo? ESE mwari muzi ko iki kifuzo cya Kagame cyari kigamije ko Karegeya adahambwa nyina? Asteriya Rutagambwa Imana imuhe iruhuko ridashira! Adusigiye umuhungu mubi, ariko kuko ari umwere, Imana imurinze kuzabona aho umuhungu we avuga amangambure abazwa amabi yakoreye abanyarwanda n’abaturanyi bo mu karere!

  • Mwoye guterana amajambo mwese muri uruvyaro rwa Adam!ariko gusa kagame ataravye neza interahamwe n’imbonerera kure zirajabuka ntakabuza!

  • Mwoye guterana amajambo mwese muri uruvyaro rwa Adam!ariko gusa kagame ataravye neza interahamwe n’imbonerera kure zirajabuka ntakabuza!

  • Mwoye gutanako ibirake!aba DD barashonje opposition barashonje naho bobo bicwa!ntambonerakure ndabona yambaye ikirato bose nibiyebo yebo bambara kndi peter we n’isuka yarahavye n’umwukuruza azobaho neza!nne nk’imbonerakure zicabandi kugira banwe inzarwa gusa naza kanyanga?ivyo bihugu mwiteranyako haribibazo bifise nkivyo mufise mu burundi?tekana bigira bihere!

  • Sinari nzi ko umwicanyi Kagame wagandaguye za millions nawe yababazwa nuko nyina apfuye. Njye mbona ahubwo ari bukoreshe umunsi mukuru w’ibyishimo kuko anezezwa no kwica hamwe no kubona imirambo

  • Burya Urwanda Rurazi Ubrundi Baraza Bazodusanga Ntibibaze Ngonikongo Rwivayangamo Ukorushatse Twebwe Batamguye Kuvyurubibe Nn Ngonizabarwanyi Navyo Shabaraza Bariye Nabari Iwacu Baraturembeje Twakirabandi Bahsaka Ahobadukura Baraza Bozodusanga Sha Kagame Numututsi Mubi Agomba Kurayifatiye Abahutu Bomurwanda Ngomuburundi Ngonuko Abahutu Bomuburundi Twaraciye Ubwenge Nikime Kukindi

  • Iyo umuntu ahimvye ntiyibuka ko ejo hariho iyindi nzara.Mbega womenya ko ako gatwengo ka cane ufise aka kanya hazogera umwanya ukagushikako nawe ukagira intuntu.Mbe ntubona ko Imana itahaserutse uburundi bikomeye.iyo nyene urugo yari azi igihe umusuma aza kumwiba yoraye maso akamwivuna .none bihishijwe amaso yawe.

  • Ahubwo barazorungika yamisega yabo ngo ninkotanyi bifuje kurungika kuvakera bikabata tubanze tubavugutirumuti nayo kunvikana nizonyenzi birikure nkizuba

  • as rwanda and burundi were friendly i don,t why they don,t to discuss on that question because rwanda is our neigbour then they must aid us to patronize our country eanstead of to support for impairing our country . then they are requested to change their plans because if they carry on we shall obtain anger ok

  • urwanda Ruzoze Rubanza Gushishoza Ntigwite Mubita Biraba Ubona Rwotwa Ibihugu 2??

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.