IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Abanyamerika bagira ingendo i Bulaya baragabishwa

USA: Abanyamerika bagira ingendo i Bulaya baragabishwa

mercredi 1er Ruheshi 2016, par Jean De Dieu

Reta Zunze ubumwe z’Amerika zasohoye urwandiko rugabisha abanyamerika kutagira ingendo ku mugabane wa Bulaya yishimikije ko hari ibimenyetso ko hashobora kuba ibitero vy’iterabwoba.

Abanyamerika basabwa kutaja mu birori canke mu nkino zikomeye, kutaja mu bice vyaba mukerarugendo, mu mazu y’uburiro, amazu manini manini akorerwamwo urudandazwa no mu bituro vy’ama bisi canke amatereni.

Iryo gabishwa ritumbereye cane cane inkino z’umupira w’amaguru w’imigwi ya Bulaya zimirije, amahiganwa y’amakinga yiswe Tour de France.

Ritumbereye kandi n’ihuriro mpuzamakungu ry’urwaruka ruhurikiye muri Ekleziya Katorika ritegekanijwe kuba mu mpera z’ukwezi kwa ndwi mu gihugu ca Pologne.

Iryo gabisha rizoherana n’impera z’ukwezi kwa munani k’uyu mwaka w’2016.


IGIHE

Messages

  • NIBABATERE NAMWE MWIRIRWA MURATERA BANDI MUBUBURUNDI MUCA MWO KABIRI ABAJEJWE UMUTEKANO BAFASHE INKOZI YIKIBI MUKACA MUVUGA BAHONYANZE AGATEKA KABO MUGA MBEGA BONTAKANDIGATEKA BANDI BABABAHONYANZE MUKACA MUFATIRA RETA IBIHANO NKUKO UMENGO NIYO YENAMAKOSA KANDIBABA BAKOZE IVYOBATEGEREZWA GUKORA TWARABAHINYUYE

  • NIBABATERE NAMWE MWIRIRWA MURATERA BANDI MUBUBURUNDI MUCA MWO KABIRI ABAJEJWE UMUTEKANO BAFASHE INKOZI YIKIBI MUKACA MUVUGA BAHONYANZE AGATEKA KABO MUGA MBEGA BONTAKANDIGATEKA BANDI BABABAHONYANZE MUKACA MUFATIRA RETA IBIHANO NKUKO UMENGO NIYO YENAMAKOSA KANDIBABA BAKOZE IVYOBATEGEREZWA GUKORA TWARABAHINYUYE

  • J nahora ngira ngo muri amerika ntibapfa cank ngo baterwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.