IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Inyuma y ‘imyaka 54 babana, abatama babiri babishize ku (...)

USA: Inyuma y ‘imyaka 54 babana, abatama babiri babishize ku mugaragaro

mardi 30 Ruheshi 2015

Mu gisagara ca Dallas muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika,abagabo babiri bari bamaze imyaka 54 babana,bari mu munezero inyuma y’aho bashiriye ku mugaragaro umubano wabo imbere y ‘amategeko.

Mu bubanfu ni Jack Evans afise imyaka 85, ibubanfu ni George Harris w’imyaka 82 nibo babaye aba mbere mu bandi bashika 170 bahuje ibitsina bubakanye ,mu gisagara ca Dallas inyuma y’uko sentare irekuye ko abubakanye basangiye ibitsina bobishira ku mugaragaro.

Evans na Harris bari babanye kuva mu mwaka w’1960 ariko kuko amareta menshi yagiye arakurikirana mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika atemera ubugeni bw’abubakanye basangiye ibitsina (homosexuel),babishize ahabona kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Ruheshi 2015, aho Reta ya Dallas yatera umukono ku masezerano atanga uruhusha.

Abashika 170 bose baciye bandika amakete yo gusaba kwubakana biciye mu mategeko « regulalisation ». Abo bagabo babiri umuntu yokwita umugore n’umugabo, bavuga ko mu myaka 54 bari bamaranye, uwo munsi ari ntangere kuko bemerewe kubana ku mugaragaro nk’abandi bose,ivyo navyo bari babirindiranye igishika cinshi.

Umucamanza ahejeje kuvuga ko bagiye kubana ibihe bidashira baciye bagwana munda,bose amosozi arakoroka biboneka ko bafise umunezero udasanzwe.

Mu kiganiro uwo muryango wahaye ikinyamakuru Mailonline uvuga ko benshi mu ncuti zabo bahunze igihugu ca Texas ,kubera texas ariyo yarisigaye inyuma mukwemeza iri tegeko,bakavuga ko kubera gukunda igihugu cabo ariyo mpanvu bemeye kurindira uyo munsi.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.