IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Uwukekwa ko akorana n’umurwi wa Islamic State yarashwe n’igiporisi (...)

Uwukekwa ko akorana n’umurwi wa Islamic State yarashwe n’igiporisi c’Urwanda

vendredi 19 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Igiporisi c’Urwanda kimenyesha ko umuntu umwe yishwe arashwe n’abajejwe umutekano igihe yagerageza kurasana n’abaporisi bamurondera mu gace ka Nyarutarama mu gisagara Kigali.

Itangazo ry’igiporisi c’Urwanda rivuga ko uwo mugabo yamenyekanye kw’izina rya Channy Mbonigaba yari akurikiranwako ibikorwa vy’iterabwoba, nawe nyene akaba yarashe agakomeretsa umuporisi umwe mu bariko baramuhiga.

JPEG - 175.9 ko
ACP Celestin Twahirwa, umuvugizi w’igiporisi c’Urwanda

Uwo ni umuntu wa kabiri arashwe n’igiporisi c’Urwanda muri uwu mwaka, akekwako gukorana n’umutwe wa Islamic State urwana mu gihugu ca Syria.

Mu kwezi kwa mbere, igiporisi c’Urwanda carashe uwitwa Muhammed Mugemangango yari apfungiwe mu gasho k’igiporisi i Kanombe, mu gisagara ca Kigali. Igiporisi casiguye ko uwo mugabo yarashwe ariko agerageza gutoroka.

Iperereza ry’Urwanda ryerekanye ko uwo Mugemangango yakorana vya hafi n’umutwe wa Islamic State, mu rwego rwo kuwuronderera abarwanyi hamwe n’ugukwiragiza imigambi y’uwo murwi mu Rwanda.

BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko inyuma y’iraswa ryiwe, umurwi w’abayislamu 23 batawe muri yompi hirya no hino mu Rwanda, bakaba bakurikiranweko ibikorwa vy’iterabwoba, cane cane gukorana vya hafi n’umutwe wa Islamic State.

Bamwe muribo ariko barabihakana, bakavuga ko bazira ubusa, abandi bakavuga ko bafunzwe bazira amashari ya bagenzi babo bo mw’idini rya Islamu bafatiye ku cuka c’iterabwoba rivugwa kw’isi, bakabona kurondera ivyaha babegekako.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.