Accueil > Amakuru > Mu makungu > Venezuela: Umukuru w’igihugu yasavye abashikiranganji gutanga (...)
Venezuela: Umukuru w’igihugu yasavye abashikiranganji gutanga imihoho
mercredi 9 Kigarama 2015
Umukuru w’igihugu ca Venezuela Nicolas yasavye abashikiranganji ba Reta arongoye gutanga imihoho inyuma yaho umugambwe uri ku butegetsi utsindiwe mu matora y’abashingamateka uronse intebe 55 gusa.
Nicolas Maduro yabimenyesheje kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Kigarama 2015,mu kiganiro atanga ku mboneshakure y’igihugu ku ndwi. Yasavye abashikiranganji gutanga imihoho mu ntumbero yo gutunganya gushasha ubuyobozi bwiwe.
Umukuru w’igihugu ca Venezuela yavuze kandi ko kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama azoshiraho itegeko ritunganya gusha ibijanye n’akazi mu gihugu,mu myaka itatu iza gushika mu mwaka w’2018.
Ku ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta bahurikiye mu runani,bamenyesheje ko kuri uno wa kane bazotunganya inama ya mbere n’abashingamateka batowe mu ntumbero yo gushika ku co abanyagihugu ba Venezuela babitezeko.
Van Naris Mugisha
Messages
9 Kigarama 2015, 18:21, par Tuze
Un autre Nkurunziza dans le monde. Va-t-il accepter de quitter le pouvoir.