Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Venezuela: Umukuru w’igihugu yasavye abashikiranganji gutanga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Venezuela: Umukuru w’igihugu yasavye abashikiranganji gutanga (...)

Venezuela: Umukuru w’igihugu yasavye abashikiranganji gutanga imihoho

mercredi 9 Kigarama 2015

Umukuru w’igihugu ca Venezuela Nicolas yasavye abashikiranganji ba Reta arongoye gutanga imihoho inyuma yaho umugambwe uri ku butegetsi utsindiwe mu matora y’abashingamateka uronse intebe 55 gusa.

Nicolas Maduro yabimenyesheje kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Kigarama 2015,mu kiganiro atanga ku mboneshakure y’igihugu ku ndwi. Yasavye abashikiranganji gutanga imihoho mu ntumbero yo gutunganya gushasha ubuyobozi bwiwe.

Umukuru w’igihugu ca Venezuela yavuze kandi ko kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama azoshiraho itegeko ritunganya gusha ibijanye n’akazi mu gihugu,mu myaka itatu iza gushika mu mwaka w’2018.

Ku ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta bahurikiye mu runani,bamenyesheje ko kuri uno wa kane bazotunganya inama ya mbere n’abashingamateka batowe mu ntumbero yo gushika ku co abanyagihugu ba Venezuela babitezeko.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.