Accueil > Amakuru > Mu makungu > Yasser Arafat yoba yapfuye kubera uburozi yahawe
Yasser Arafat yoba yapfuye kubera uburozi yahawe
mardi 15 Gitugutu 2013
Uwahoze arongoye Palestine, Yasser Arafat, yoba atishwe n’indwara. Ivyo bikaba vyavuzwe n’abashakashatsi b’i Lausanne mu Buswise bapimye ibisigarira vya Arafat. Ubumara bwitwa polonium 210 akaba aribwo, ikigo c’i Lausanne, kivuga ko casanze muri ivyo bisigarira.
- Yasser Arafat
Ikigo c’ubushakashatsi no gupima ibijanye n’ubumara c’i Lausanne mu gihugu c’Ubuswise carapimye ibisigarira vy’ikiziga vy’ uwahoze arongoye Palestine. Yasser Arafat yitavyimana mu 2004, ashobora kuba yishwe n’ubumara bwa “polonium” yahawe. “Ibipimo vyavuye mu bisigarira biseseka vy’umubiri wiwe, nk’umwanda muto n’amaraso, twasanzemwo ubumara bukaze cane bwa polonium 210”, uko niko abashakashatsi basiguye.
Ubumara bwa “polonium 210” buzwiko ari ubumara bukaze cane, kandi bwica. Kukaba nkako, uburozi nkubwo nibwo bwahitanye uwitwa Alexandre Litvinenko, umwe mubatavuga rumwe n’umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladmir Poutine. Aho hakaba hari mu mwaka 2006.
Kuba binurwanurwa ko Yasser Arafat yapfuye ahawe uburozi ntibibaye irya mbere. Mu 2012, harabaye ireresi yerekana amatohoza ku rupfu rw’iyo ndongozi, aho herekanywe ko yoba yapfuye ahawe uburozi. Ndetse ico gihe, vyatumye n’umupfakazi Yasser Arafat yasize yitura ubutungane.bw’i Nanterre.

Mwomenyako ikiziga ca Yasser Arafat cazuwe muri Munyonyo 2012. Intumbero akaba yari iyo kugira amatohoza mu gupima ibisigarira vy’ico kiziga kugira hemezwe canke hahakanwe ivyo ico kigo c’i Lausanne kivuga. Ariko kugeza ubu, ivyavuye muri ivyo bipimo ntibirashirwa ahabona. Yasser Arafat yitavyimana kw’igenekerezoo rya 11 Munyonyo 2004 i Clamert mu Bufaransa. Aho akaba yari yagiye kwivuriza mu bitaro vy’abasirikare vy’i Percy.
INGABIRE Luc-Noël