Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yordaniya : Abakozi 5 b’igendereza baguye mu gitero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Yordaniya : Abakozi 5 b’igendereza baguye mu gitero

Yordaniya : Abakozi 5 b’igendereza baguye mu gitero

lundi 6 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu batanu biciwe mu gitero cakozwe ku bajejwe iperereza rya Yordaniya mw’ikambi y’abanyepalestine mu micungararo y’igisagara ca Amman, nk’uko bimenyeshwa na Reta.

Muri Reta bavuga ko ivyabaye ari "igitero c’iterabwoba". Batatu muri abo batanu bishwe bari bajejwe iperereza, nk’uko abategetsi babivuga.

BBC ivuga ko ico gitero cabereye mw’ikambi ya Baqaa mu buraruko bwa Amman, mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana rishira uwa mbere.

Baqaa ni imwe mu makambi atandatu y’abanye Palestine bahunze West Bank na Gaza, ikaba yubatswe mu mwaka w’1968, bivuye ku ntamabara yahuje abayahudi n’abarabu mu mwaka w’1967.

Ishami rya ONU rijejwe impunzi (UNRWA) rivuga ko Baqaa ariyo kambi ya mbere nini iri muri Yordaniya.

Umuvugizi wa Reta, Mohammed Momani, yamenyesheje ko ico gitero cari gitumbereye ibiro vy’abajejwe iperereza muri iyo kambi.

Zimwe mu nkuru zivuga ko abishwe bose bari abakozi b’iperereza, izindi zikavuga ko babiri bakora muri ivyo biro gusa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.