Accueil > Amakuru > Mu makungu > Yordaniya : Abakozi 5 b’igendereza baguye mu gitero
Yordaniya : Abakozi 5 b’igendereza baguye mu gitero
lundi 6 Ruheshi 2016, par
Abantu batanu biciwe mu gitero cakozwe ku bajejwe iperereza rya Yordaniya mw’ikambi y’abanyepalestine mu micungararo y’igisagara ca Amman, nk’uko bimenyeshwa na Reta.
Muri Reta bavuga ko ivyabaye ari "igitero c’iterabwoba". Batatu muri abo batanu bishwe bari bajejwe iperereza, nk’uko abategetsi babivuga.
BBC ivuga ko ico gitero cabereye mw’ikambi ya Baqaa mu buraruko bwa Amman, mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana rishira uwa mbere.
Baqaa ni imwe mu makambi atandatu y’abanye Palestine bahunze West Bank na Gaza, ikaba yubatswe mu mwaka w’1968, bivuye ku ntamabara yahuje abayahudi n’abarabu mu mwaka w’1967.
Ishami rya ONU rijejwe impunzi (UNRWA) rivuga ko Baqaa ariyo kambi ya mbere nini iri muri Yordaniya.
Umuvugizi wa Reta, Mohammed Momani, yamenyesheje ko ico gitero cari gitumbereye ibiro vy’abajejwe iperereza muri iyo kambi.
Zimwe mu nkuru zivuga ko abishwe bose bari abakozi b’iperereza, izindi zikavuga ko babiri bakora muri ivyo biro gusa.
IGIHE
Messages
7 Ruheshi 2016, 08:42, par M
Turahojeje imiryango ya buriye ababo mwico gitero, Imana ibakire mubwami bwayo.