IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abajejwe iterambere ry’ibibondo basabwa gusenyera ku mugozi umwe

Abajejwe iterambere ry’ibibondo basabwa gusenyera ku mugozi umwe

dimanche 18 Munyonyo 2012

Abaharanira iterambere ry’ umwana basabwa kuja hamwe bakagira urunani rw’intamenwa kugira kazoza k’abana na cane cane kuva bagisamwa gushika ku myaka itandatu gategurwe neza kuko na kare ngo izija guhona zihera mu ruhongore. Abo ako kamo kerekeye bakaba ari abasanzwe bajejwe indero, amagara y’abantu, uburimyi, ubutungane,umutekano, intwaro, amashirahamwe ajejwe guteza imbere agateka k’abana hamwe n’ abakozi b’Imana.

Ako kamo kakaba katewe n’umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza ku wa 4 Gitugutu 2012 igihe yari yagiye mu ntara ya Kirundo gutanguza icese umugambi w’iterambere ry’umwana kuva akiri muto.Ku bwa Denise Nkurunziza ngo uwo mugambi werekeye abana kuva bagisamwa gushika bashikane imyaka 6. Kukaba nkako, ngo ntawutazi ko bikenewe kwitaho umwana mu vyerekeye amagara meza, mu kumurinda indwara,mu kumutegurira imfungurwa zibereye, mu kumugirira isuku muri vyose, mu kumukingira impanuka hadasigaye inyuma kumucisha ubwenge.

Akamenyesha ariko ko iyo ntambwe ikiri kure haba mu Kirundo canke mu zindi ntara kuko abana bagisinzikazwa n’indwara zituruka ku gufungura nabi canke kw’isuku rike. Akaba yatanze akarorero ku ndwara z’inzoka gucibwamwo, malariya be n’izindi zituruka ku kutamenya kw’abavyeyi n’ababafasha kurera ivyo bibondo.Yibukije ko gufata neza umwana bitangura agisamwa ari naco gituma yasavye abavyeyi bibungenze kwifata neza ubwabo kugira bagire amagara meza gutyo bitume imbanyi zabo zikura neza maze ibibondo biheze bivukane amagara meza.

Kukaba nkako, iyo minsi ya mbere y’ubuzima ngo ni yo mushinge nyamukuru kugira ikibondo cibarutswe gishobore gutera kija imbere mu gukura neza ku mubiri hamwe no mu vyerekeye ubumenyi kuva mu mashure yo kwimenyereza gushika muri kaminuza.Yaboneyeho kugaruka ku ngingo Reta y’Uburundi imaze gufata mu ntumbero yo kworohereza abana bato mu kuvuza ku buntu abafise munsi y’imyaka itanu co kimwe n’abavyeyi bibungenze be n’uko abana bo mu mashure y’intango bakuweko amahera y’ishure tudasize inyuma ko no mu gucandagisha abana abavyeyi ataco basabwa.

Nayo mu vyerekeye igisata co gutunganya indero hakiri kare,ibigo vyo kwimenyereza ngo vyaratunganijwe mu ntara zitari nke na cane cane mu buraruko bw’igihugu naho abavyeyi batarijukira bishemeye kurungika abana muri ivyo bigo kuko ngo ibiharuro vyo mu 2009 vyerekanye ko ibice 6,5% vy’abana ari bo bashoboye kujanwa muri ivyo bigo. Aha rero abavyeyi ngo bomenya ko iyo umwana atanguye mw’ishure ryo kwimenyereza akiri muto bimufasha kumukaburira ubwenge n’ubukerebutsi hakiri kare ndetse n’uwufise ingorane zikamenyekana kare kugira zitorerwe umuti.

Agasaba rero abavyeyi kurungika abana mu mashure yo kwimenyereza aho amaze kuboneka kandi ngo Reta ikaba inabasaba kugira uruhara no mw’itunganywa ry’ayo mashure yakira abo bana kuko ngo ari ku neza yabo n’iy’ibibondo vyabo. Ariko kugira uwo mugambi uranguke neza ngo hakewe ko bose boshira inguvu hamwe.Ari nako gutera akamo abashingamateka ari nabo batora amategeko kwama bibuka ko ibibondo ari bwo Burundi bw’ejo maze bakemeza amategeko abakingira.

Abajejwe intwaro nabo yabasavye guhimiriza abanyagihugu ngo bijukire uwo mugambi na cane cane bandikishe abana mu bitabu vya komine maze uwutabikoze mu maguru masha afatirwe n’ibihano. Abajejwe amagara y’abantu yabasavye kurushiriza uko bahora mu guhimiriza abavyeyi kuvuza abana, kubacandagisha, kubafungurira neza, abari mu marerero bagasuzuma amagara yabo maze abafise ubumuga bakarungikwa mu bigo bibajejwe.

Abajejwe indero n’ubumenyi yabasavye guhimiriza abavyeyi kurungika abana mu mashure yo kwimenyererezamwo ndetse no mu kwakira abana mu mashure y’intango bagahera ku baciye mu yo kwimenyereza kugira abantu batangure kuyitaho.Nayo abajejwe uburimyi bakaba basabwe guteza imbere ibiterwa bituma ubwonko bw’umwana butera imbere bikazomurinda ubujuju no kurwaragurika. Aha akaba yaboneyeho gushimira abajejwe amashengero bo ngo batahuye hakiri kare umugambi wo kwigisha abana batarakwiza imyaka itandatu mu gufasha igihugu mu kwubaka amashure abakira aca aboneraho kubasaba kubandanya ico gikorwa ciza.

Ni no muri iyo ntumbero ubushikiranganji bujejwe indero mu mashure y’intango n’ayisumbuye bufashijwe n’ishirahamwe UNICEF bwatunganije inama nkarishabwenge ku baserukira abandi mu begwa n’ibibazo vy’abana kugira baganire ido n’ido akamaro ko kwitaho iterambere ry’abana kuva bakiri bato. Izo nama zikaba zabereye mu ntara za Kirundo, Kayanza, Ngozi,Gitega na Makamba kuva ku magenekerezo ya 5 gushika ku rya 7 Gitugutu 2012.N’uwuserukira UNICEF mu Burundi Johannes Wedenig akaba yamenyesheje ko ukwitaho iterambere ry’abana kuva bakiri bato bifise akamaro kanini ku gihugu.

Yatanze akarorero ko iterambere ry’abana kuva bakiri bato nk’uwushaka kwubaka inzu ikomeye. Ngo nka kurya rero atawubaka inzu ku musenyi ngo ikomere ngo ni nako igihugu gitegerezwa gutegura kazoza k’abana kugira gitere imbere. Inzu kugira ikomere ngo bisaba ko iba ifise umushinge ukomeye ari navyo agereranya ku gihugu no kuronsa abana amagara meza, kubigisha no kubaronsa ivyo vyose bakenera kugira bakure neza gutyo igihugu kigakura gifise abantu bakomeye kandi baciye ubwenge ku buryo hadakoreshwa uburyo bwinshi mu kubavuza maze bugaca bukoreshwa mu kubateza imbere.

Nayo UNICEF ngo akaba ataco itazokora mu kubandanya yitaho ineza y’ibibondo ari nako gusaba n’abaserukira abandi mu bisata vyose kuja imbere abandi mu gushigikira iterambere ry’abana kuva bakiri bato.N’umushikiranganji Sévérin Buzingo ajejwe indero mu mashure y’intango n’ayisumbuye akaba yamenyesheje ko kurindira ko umwana akwiza imyaka 7 kugira atangure amashure aba ariko aracerwa.

Ngo ni naco gituma amakungu yahagurukiye ico kibazo kugira abana bigishwe bakiri bato kuko ngo ari umushinge wa kazoza kabo. Yaboneyeho kumenyesha ko ivyo gukurikirana abana kuva bakiri mu mbanyi bisaba vyinshi ubushikiranganji arongoye butokwishoboza ari naco gituma ngo hatumiwe abari mu nzego zitandukanye kugira umwe wese abone uruhara rwiwe. Uwo mugambi umaze kuja mu ngiro ngo bikazotuma abavyeyi bahungukira eka ngo n’imiryango n’igihugu bidasigaye inyuma kuko ngo iyo witayeho umwana akiri muto uba uziganije.


PPB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.