IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Nyanza-Lac : Abapasitori batatu b’ishengero rya Pantekote bakuwe muri (...)

Nyanza-Lac : Abapasitori batatu b’ishengero rya Pantekote bakuwe muri EPBU

mercredi 6 décembre 2017

Mw’itangazo uwuserukira EPBU yasohoye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 6 Kigarama 2017, VYIMANA Eleazar amenyesha ko ivyo babishikirije bafatiye ku bikorwa vyakozwe mw’ishengero rya Nyanza-Lac kandi binyuranye n’amategeko y’ishengero.

Muri iryo tangazo, umukuru wa EPBU avuga ko hari abapasitori bubahutse birukana umwungere w’ishengero hakoreshejwe umugumuko, bafata ingingo mu kibanza c’inama nkuru ya EPBU.

Kubera ivyo vyose, inama nkuru EPBU yafashe ingingo ko amatora yose yabaye mw’ishenegero rya Pentekote i Nyanza-Lac atazwi kandi atemewe n’uburongozi bwa EPBU.

Muri iryo tangazo nyene, inama y’abungere b’amashengero ya Pentekote mu Burundi imenyesha ko Pasitori NDIHOKUBWAYO Israel yerekanye ko ari kw’isonga mu migumuko yabaye mw’ishengero i Nyanza-Lac, hamwe na Pasitori BIZIMANA Ezechias yihaye gukoranya inama y’akarwi k’abapasitori atabifitiye uburenganzira, ko ab batakiri kumwe na EPBU.

Iryo tangazo rya EPBU rimenyesha kandi ko Pasitori KIDEBUYE Jonathan yiyimitse mu mabanga yo kuba umwungere biciye mu kaguma, nawe atacifadikanije n’inama y’abungere b’amashengero ya Pentekote mu Burundi EPBU.

Inama y’abungere b’amashengero ya Pentekote mu Burundi EPBU isaba abo bapasitori batacifadikanije nayo kuva mu bibanza vyose n’inyubakwa za EPBU na CEPBU.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • muvyukuri ivyo musitanteri yakoze mukwimika umwungere bitey isoni kandi ico mwomenya Imana ntigiy kuvyihanganir kuko naho vyakabay aho musitanteri ahabwa umwanya ungana na 30min ariko avuga ivyo guhindura ibwirizwe nshingiro akonger akavuga ngo ntamukristo atora oya ndababwije ukuri ibi bintu Imana ntigiye kubirekera aho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.