IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Urushengero rwa Pantekoti muri Komine Nyanza-Lac rwugawe

Urushengero rwa Pantekoti muri Komine Nyanza-Lac rwugawe

lundi 10 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo ngingo yafashwe mu gihe haheruka kwibonekeza akajagari katewe n’ukumvikana hagati y’abahasengera, ivyo bigashobora guhungabanya umutekano. Intango ya vyose ni abakirisitu bagiriza ababarongoye ko batubahiriza amategeko y’urushengero, kandi ko banyonyeza amatunga y’abo bajejwe.

Nk’uko bivugwa na bamwe mu basengera muri urwo rushengero, ako kajagari kibonekeje inyuma y’aho abakuru b’urwo rusengero rwa Pantekoti rwo muri komine Nyanza-Lac bahezagiye ubugeni bw’abantu babiri, umugabo n’umugore bompi basanzwe bafise abo bari bubakanye. Abo bakirisitu bavuga ko bakiriye nabi ivyo vyabaye, aho bavuga ko amategeko agenga ishengero rya Pentekoti atariko arubahirizwa n’ababatwara.

Abasengera aho bakavuga kandi ko abakuru babo basesaguye bakongera bakanyuruza amafaranga y’ubutunzi rusangi rw’urwo rusengero.

Jean Claude NDUWIMANA, Musitanteri wa komine Nyanza-Lac avuga ko urwo rusengero ruzosubira kwugururwa ku ngingo ya Buramatari w’intara ya Makamba asanzwe yaramaze gushikirizwa ico kibazo.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.