IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Uwushaka kuba umukuru yemera kuba umukozi canke umushumba w’abandi-Denise (...)

Uwushaka kuba umukuru yemera kuba umukozi canke umushumba w’abandi-Denise Nkurunziza

mercredi 7 Munyonyo 2012

Uwugomba kuba umukuru w’abandi yemera kuba umukozi wabo kandi uwushaka kuba imbere aba umushumba w’abandi. Ivyo vyamenyeshejwe n’umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Denise Nkurunziza ku wa 27 Gitugutu 2012 igihe yariko agirisha inama abakenyezi bari mu nzego z’igihugu ku vyoranga umukenyezi ku kazi no mu muryango.Yamenyesheje ko ivyo biri mu vyanditswe n’intumwa y’Imana Mariko mu kigabane c’10 kuva ku karongo ka 35 gushika ku ka 45.

Yamenyesheje kandi ko uwugomba ubukuru, icubahiro, gushirwa hejuru abanza kwicisha bugufi akaba umukozi w’abandi. Niko kuvuga ko umuntu wese afise uwumubaza ukugene yakoze imirimo ajejwe kiretse uwakomantaje umutima. Umusi wa nyuma hoho ngo ni ibindi kuko n’Umukuru w’igihugu aheza akabazwa ukugene yatwaye igihugu mbere n’aho yoba uwuhamaze igihe gito kiretse ko uwicaye kuri iyo ntebe igihe gito abazwa bike nayo uwahamaze ikiringo kinini abazwa vyinshi.

JPEG - 36.9 ko

Niko kumenyesha ko uwugiriwe ubuntu agaca mu vyicaro vyinshi vyiza aba akwiye gushimira Imana ariko ngo kenshi usanga ahava yibaza ko arusha ubwenge abandi. Yamenyesheje ko abantu baba bakwiye gushima imisi yose kuko uwudashimye duke Imana iba yamuronkeje adaheza ngo ashime na vyinshi aba yaronse.

Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu ari ibutsa ko Imana yatanze ibihe kugira abantu birimbure, barabe aho bakosheje canke bigenjeje nabi n’aho bigenjeje neza kugira babanze basabe ikigongwe hanyuma bashimire Imana ku vyo yabashoboje.

Aho ni ukugira umuntu ahebe ingeso aba yagendeyemwo umwaka wose gutyo yice amatigu ko atazozigenderamwo mu mwaka ukurikira canke mu kwezi gukurikira. Ngo indongozi nziza nayo si iyija imbere abandi bagakurikira, ija mu makosa bose bakayajamwo, akobereza abandi bagakurikira; indongozi nziza ni iyereka abandi ivyo bakora bakamurabirako kandi kuja imbere y’abandi ni ho hari imitego myinshi. Kubona abahuje muri Gitugutu ngo ni igihe ciza co kuraba ivyo bakoze umwaka wose.

Yaboneyeho akaryo ko guhanura abakenyezi bari bitavye inama ababwira ko batokwama bigira abera mu ngo kuko bashobora gusanga ari bo bari mu makosa. Niko kubabwira ko Imana itanka abanyavyaha ahubwo yanka icaha. Ikibi ngo ni ukwisigira ku buhoma canke uburimiro. kuba nyina w’abana mu muryango bisaba kwicisha bugufi ugasaba imbabazi mu gihe watirimutse ntukomantaze umutima. Yabaciriye umugani wa nyina wa Yohani na Yakobo yagiye gusaba Yezu ngo ni yashikira ubwami yagira aronke ko umwe yomushira i buryo uwundi i bumoso bwiwe nawe akamwishura ko atari we abitanga kandi atavyo boshobora.

Bisubiye ngo Yezu amaze kumenya ko bagira bamugure yasavye amazi mu mubehe hanyuma atangura kwoza abatumwa biwe ku birenge, ashitse kuri Petero aranka avuga ko bidashoboka nawe amwishura ko yanse azoba yishize hejuru yiwe. Petero amaze kubitegera yamubwiye ati: “ahubwo ni munyoze umubiri wose”. Umukozi mwiza ntakorera ku gitsure, amenya ico ari.Umukozi mwiza ntakorera ku gitsure, umukozi mwiza amenya ico ari. Umukozi mwiza mu muryango ni uwutanga amahoro, ashira imbere umwumvikano kuko bitabaye uko bigira n’ingaruka mbi ku kazi.

Umukozi mwiza ntaraza igikorwa yari gukora uwo musi, aba umwizigirwa kandi igikorwa ajejwe akagisozera neza. Umufasha nawe ngo ategerezwa gutanga amahoro mu muryango kandi agakorana umwete kugira ashobore gushayura uwo ajejwe gufasha.Yabahanuye gukora akazi neza kandi bategekanye umwanya neza ntibitwaze ngo bafise akazi kenshi kugira bace bataha igicugu kuko bibabaza abana n’abo bubakanye. Ukuri kurabohora kandi kurakiza Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA yarongeye aravuga ko mu rugo abantu bategerezwa kuvugana ukuri kuko kubohora kandi kugakiza. Uwunyegeje umushahara wiwe umugabo umusi bitekurutse biba bibi cane.

Ingo nyinshi rero ngo zibayeho uko mbere kikaba naco gituma nyinshi zisambuka. kunyegezanya rero ngo ni icaha nayo kuvugana ukuri bikavugutira umuti urukundo. Ngo aratangazwa n’abama bariko barahimbaza imisi mikuru ya yubire y’imyaka 25 canke 50 babanye inkoko bakagandagura, inzoga bagatereka ariko waja kuraba ugasanga bisigira ku mvyiro mbere n’iyo misi mikuru ikaba hari uwuriko akubita urutoke. Umukenyezi rero ngo ntiyokora ngo yongere yishimire, yokora kugira abandi babe ari bo bamushima.

Bisubiye abakenyezi bomenya ko hari abagabo badashima n’aho boba babibonye kuko bivana n’ukugene bakuze, hari abo bigora kuvuga ngo urakoze. Hari n’abarira iyo baryohewe abandi bagatwenga. Umuti nyamukuru rero mu muryango uwo ari wo wose ngo ni ibiganiro hagati y’umugore n’umugabo no hagati y’abana n’abavyeyi. Ikiganiro nk’ico ngo caheruka muri Ruheshi uwu mwaka mbere akaba azosubira kugitunganya inyuma y’amezi atatu aho azotangura kwishura ku bibazo abataronse umwanya wo kubaza banditse ku mpapuro.


PPB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.