Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abadasigana ntibarota ugusubiza hamwe kwabo kubaca mu myanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Abadasigana ntibarota ugusubiza hamwe kwabo kubaca mu myanya (...)

Abadasigana ntibarota ugusubiza hamwe kwabo kubaca mu myanya y’intoke

vendredi 20 Nyakanga 2013

Inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010, umugambwe w’Abadasigana Uprona waciye wicamwo imirwi ibibiri, aho umurwi umwe wagumye muri Leta, uronka abashikiranganji, n’abandi bategetsi barongora ibisata bimwe bimwe, uwundi murwi nawo w’Abadasigana bavuga ko bishinze gusubiza umutamana Uprona ntibaja mu nzego, ndetse bamwe mu bari muri uyo murwi bakaba barahuye n’ingorane zitandukanye, harimwo ugupfungwa.

Inyuma y’imyaka itatu rero hari ukwo kwutumvikana ingene umugambwe Uprona worongorwa, intumbero abari muri Leta bofata, canke aboserukira uyo mu gambwe mu nzego zitandukanye z’igihugu, ubu rero izo mpande zibiri zikaba zose zemeza ko ibiganiraro biriko biraba kugira yaba uruhande rw’Abadasigana bari muri Leta, yaba uruhande rw’Abadasigana bari mu murwi wishinze gusubiza umutamana uyo mugambwe, bose baremeza ko bari mu biganiro, kandi bihagarikiwe n’abashingantahe co kimwe n’umurwi wa bamwe mu bashingamateka ba Uprona.

K’ubw’umwigisha muri za kaminuza Evariste Ngayimpenda, asanzwe ariwe arongoye umurwi w’Abadasigana bavuga ko bishinze gusubiza umutamana Uprona, avuga ko abashingantahe n’umurwi w’abashingamateka bo muri uyo mugambwe bariko barahuza iyo mirwi yose ukwo ari ibiri, kandi bakaba bizeye ko bizogenda neza, ko bagiye gusubiza hamwe. Ivyo rero biremezwa kandi n’umushingamateka Karori Nditije asanzwe arongoye umugambwe w’Abadasigana ku rwego rw’igihugu.

Mw’ijambo ryiwe kuri uyu wa 18 Nyakanga igihe uyo mugambwe wariko uribuka imyaka 52 bamaze batahukanye intsinzi mu matora yo mu mwaka w’1961, umukuru w’umugambwe akaba nawe nyene yaragarutse kuri ukwo kwiyunga barimwo. Nditije avuga ko uyo mugambi watanguye kandi batarota usubira inyuma. Abanadanya amenyesha ko kuva atorewe kurongora umugambwe, ikintu ca mbere yagumye ashira imbere kandi yari yemereye abadasigana, ko azokora ukwo ashoboye kugira bsubire mu ruhongore rumwe rw’umugambwe, mu kwitegurira neza amatora yo mu mwaka w’2015, kandi bakipfuza no kuzoyatahukana.

Nditije akaba yarangije amenyesha abadasigana ko uyo mugambi atari uwuje gusubiriza inzego zihari, ko ahubwo nyabuna ari uwuje gukomeza umugambwe, aca asaba ndetse abadasigana bose, aho bari hose kudartyozanya, ko umwe ataco ashoboye, canke ko uwundi ariwe ashoboye kuruta abandi. Abasaba gukora cane, ndetse kuvuga neza umugambwe w’umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore, kugira uyo mugambwe uze utahukane intsinzi mu matora twimirije yo mu mwaka w’2015.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.