Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagendana ubumuga bararonswa nabo inyigisho zo kwikingira ikiza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abagendana ubumuga bararonswa nabo inyigisho zo kwikingira ikiza (...)

Abagendana ubumuga bararonswa nabo inyigisho zo kwikingira ikiza SIDA

vendredi 25 Ndamukiza 2014

UPHB (Union des personnes handicapées du Burundi) ryishinze guteza imbere abagendana ubumuga mu Burundi, iryo shirahamwe rikaba ritibagiye gukurikirana abakiri bato bagendana ubumuga kugira bashobore nabo kwisanzura nk’abandi.

Mu gukurikirana abo bana bagendana ubumuga, Pierre Claver Seberege arongoye iryo shirahamwe ry’abagendana ubumuga ndetse akarikurikirana n’imbere y’amategeko mu Burundi, avuga ko ibikorwa vyinshi barangura babifashwa n’abagiraneza, muri abo akavuga ko akorana n’ikigo CNLS (Conseil national de lutte contre le Sida) mu kwigisha urwaruka kwirinda ikiza ruhonyanganda SIDA. Ibindi bisata bakunze gukorana nabo mu ntumbero yo gufasha abakiri bato bagendana ubumuga, akaba ari nk’ugukangurira abakiri bato kwiga yaba imyuga canke ibindi bisata vy’amashure mu ntumbero yo kuzitegurira kazoza keza kabo.

Mu kamenya ko abagendana ubumuga mu Burundi bariho, kandi hakiri imwe mu miryango gushika ubu, igifata abo bagendana ubumuga nk’abaco bashoboye, canke ugasanga ababo bakibanyegeza mu mazu, ntibashobore kubarungika mu mashure yagenewe abo bantu. Ivyo bikorwa bibi naho biriko biragabanuka mu Burundi, biri mu bituma abo bagendana ubumuga bikumira canke bagakumirwa mu miryango yabo canke mu kibano.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.