Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagendana ubumuga basaba umurwi CENI ko batokumirwa mu matora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abagendana ubumuga basaba umurwi CENI ko batokumirwa mu matora

Abagendana ubumuga basaba umurwi CENI ko batokumirwa mu matora

vendredi 1er Myandagaro 2014

Mu gihe amatora yo mu mwaka w’2015 yegereje, abakenyezi bagendana ubumuga basaba kudakumirwa muri iki gihe agira atangure gutegurwa, mu kworoherezwa kuronswa karangamuntu.

Anne Marie Nduwimana arongoye ishirahamwe ry’abapfasoni bagendana ubumuga mu Burundi, akavuga ko umuntu agendana ubumuga ashoboye kwiga umwuga akawumenya, agaheza akaronka ibikoresho, iyo aciye aja ku rubuga agakora, muri birya akora arakuramwo uburyo bumufasha kwibeshaho, agatanga n’amakori yinjira muri Reta, gutyo akaba ariko araterera no mw’iterambere ry’igihugu. Ariko iyo abagendana ubumuga batagiye ahabona, umukenyezi arongoye iryo shirahamwe akavuga ko baguma bakumirwa, ntibaronke ingene baja mu mashure canke ngo baronke uko biteza imbere.

Uyo mupfasoni akaba asaba agbagendana ubumuga kuja hamwe, bakaja ahabona kugira bababone ko bariho. Avuga ko hamwe batoja baraja ahabona, baguma bakumirwa ntibaronke ingene baja mu mashure canke ngo baronke uko biteza imbere. Ugukumirwa kw’abagendana ubumuga, birashobora kuva kandi ku bavyeyi babibarutse, aho usanga benshi batandikishije abana babo mu bitabu ndangamuntu vy’amakomine kugira baronke ibibaranga, ivyo navyo bigaca biba intambamyi mu gihe c’amatora, aho usanga abo bagendana ubumuga bipfuza gutora kandi badakwije ivyo amategeko abarekurira.

Ni muri iyo ntumbero rero Anne-Marie Nduwimana, asaba umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI, ko wogerageza ukaraba ingene abagendana ubumuga bokworoherezwa mw’iyandikwa ryabo, kugirango bazoronke uburenganzira bwo kuja gutora.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.