Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abageze mu zabukuru ntibafashwe neza mu miryango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abageze mu zabukuru ntibafashwe neza mu miryango

Abageze mu zabukuru ntibafashwe neza mu miryango

samedi 15 Ruheshi 2013

Uko umwaka utashe, amakungu yama ahimbaza umunsi mukuru wahariwe ukurwanya ugufata nabi abageze mu zabukuru. Kuri iri genekerezo rya 15 Ruheshi 2013 uwo munsi ukaba uriko urahimbazwa.

No mu Burundi, abageze mu zabukuru hari abafatwa nabi mu miryango iwabo.
Nk’uko twashoboye kuyaga na bamwe bamwe mu bageze mu zabukuru usanga bicaye mu gisagara ca Bujumbura bariko barasaba amafaranga abahita, bavuga ko bazanwa n’abana babo canke ababahaye indaro, maze bakabicarika aho ku mabarabara kugire baze barasaba abarengana, kandi bakababwira ko batazanye amafaranga bataza gufungura.

Abo bamaze gushika muzabukuru, baremeza ko kenshi birirwa ubusa bicaye muri ico kibanza, barindiriye ko boronka umugiraneza yobasigira n’amafaranga ijana. Abo bageze mu zabukuru bavuga kandi ko hari aho baronka igihumbi, canke igihumbi n’amajana atanu. Ariko rero abo bamaze gushika muzabukuru bakaba basaba Lete ko yohimiriza abanyagihugu bose kwitwararika abageze mu zabukuru, na rirya bavuga ko bahohoterwa rwose mu miryango iwabo, mu gutukwa canke kurazwa ubusa.

Bavuga bamwe ko kuva intambara ibaye mu gihugu, baciye batana n’imiryango yabo, eka ndetse abandi bakaba ababo barahitanywe n’urwimo maze basigara bonyene, ubu bakaba batagira iyo baja n’iyo bava.Basaba Leta ko yobaha aho baba bakava mw’ibarabara bama bicayemwo kuva mu gatondo gushika ku mugoroba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.