Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abagumyabanga 54 ba CNDD-FDD nibo bahuye n’isanganya bavuye mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Abagumyabanga 54 ba CNDD-FDD nibo bahuye n’isanganya bavuye mu (...)

Abagumyabanga 54 ba CNDD-FDD nibo bahuye n’isanganya bavuye mu birori

lundi 9 Nyakanga 2013

Inyuma yaho habereye ibikorwa vy’ukwigina intsinzi y’imyaka itatu iheze umugambwe CNDD-FDD utsinze amatora ku ncuro igira kabiri, abagumyabanga bari bavuye muri ivyo birori mu ntara ya Muramvya, bahuye n’isanganya ry’umuduga, aho 54 baciye bakomereka ubwo nyene.

Iryo sanganya rikaba ryabaye igihe imodoka yo mu bwoko bwa fuso yari ibapakiye yahura n’ikamyo y’igipolisi i Kabanga, hafi y’ikambi y’abateshejwe izabo y’Ivyanyoni. Abagumyabanga rero bari muri iyo fuso bari bavuye mu ntara ya Muramvya, bariko barataha iyo bari baje bava mu ntara ya Karuzi, bakaba baciye bahundagara, abashika kuri 54 barakomereka. Abayoboke b’umugambwe uri ku butegetsi bakomeretse bakaba baciye bajanwa mu bitaro vyo mu ntara ya Gitega, ndetse gushika ubu hakaba atabashika icumi basigaye muri ivyo bitaro.

Muri ivyo bikorwa rero vy’ukwigina iyo ntsinzi, bikaba vyaragaragaye ko imodoka ziri mu bwoko bwa fuso zitari nke, zapakiye abantu benshi cane, mu kurenza abo zari gupakira. Ivyo bikaba vyaribonekeje haba abaje bava mu ntara z’Uburaruko baja aho ivyo birori vyariko birabera i Ngozi, haba mu Gatumba ahari hahuriye intara zo mu Burengero harimwo n’igisagara ca Bujumbura, i Muramvya ahari abava mu ntara zo hagati n’ahandi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.