Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abahuza ibitsina babisangiye barakubiswe i Nice - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Abahuza ibitsina babisangiye barakubiswe i Nice

Abahuza ibitsina babisangiye barakubiswe i Nice

lundi 22 Ndamukiza 2013

Abasore babiri bahuza ibitsina babisangiye, barakubaguwe n’imisore itatu itashoboye kumenyekana i Nice mugihe bari batashe bavuye mu butambiro.

Imbere yuko bakubagurwa babanje kwumva abantu babahamagaye ngo mwe muhuza ibitsina,ubwo nyene baciye babona batanguye gukubitwa imigere. Igipolisi kiremeza ko iyo misore isanzwe ihuza ibitsina ko yakubiswe ariko nta vyinshi bashima kuvuga.

Umwe mu basinzikarijwe ubuzima,akaba yamaze gushira i foto ku buhinga ngurukana bumenyi eka nivyamushikiye vyose akaba yamaze kubishikana mu butungane.
Rafayeli Leclerc w’imyaka 24 akaba asanzwe ari umutamvyi mu kabare ,avuga ko igihe bakubitwa batari bafatanye,eka kandi ngo ntibariko barasomana,ngo bagiye babona abantu babasimbirako,babakubita imigere yo kumunwa.

JPEG - 14.5 ko

Leclerc abandanya avuga ko inyuma y’iminota itatu gusa bavuye gutamba ,ariho abo bantu babatangura,baja bumva umuntu avuze ngo muri aba cecene canke aba faransa?nabo barishura ko ari aba faransa,niko guca babona bari hasi,bumva abantu babakubita imigere ibabaje cane mu mutwe,kuga sakanwa,no kumunwa.

Baremeza ko bakubiswe gushika yaho ubwenge butakara,Leclerc avuga ko igihe asubiye gutora ubwenge ko yasanze ariko arava amaraso mumutwe,igipolisi kimaze kuhashika nibo baciye babajana kwa muganga.

Igi polisi kimenyesha ko mu minsi itarenze 15,abahuza ibitsina babisangiye, bamaze guhohoterwa ,bati ntivyoroshe mugihe kuri uyu wa kabiri ariho hazotorwa itegeko n’inama nshingamateka y’ubu Faransa ,ritanga uburenganzira bw’ukubakana biciye mu mategeko kubasangiye ibitsina.ubu Faransa bukazoba bubaye igihugu ca 14 cemenje iryo tegeko.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.