Accueil > Imibano > Urukundo > Saint Valentin yatanguye gute? Ni ibiki bishobora kubisha uwo munsi (...)
Saint Valentin yatanguye gute? Ni ibiki bishobora kubisha uwo munsi mukuru?
dimanche 14 Ruhuhuma 2016, par
Kw’isi yose, kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma, abakundana bahimbaza umunsi mukuru witiriwe umweranda Valentin (Saint-Valentin). Bivanye n’inyungu zitandukanye, bamwe bawufata nk’umunsi utuma binjiza amafaranga, abandi bakawufata nk’umunsi wo gusangira n’abo bakunda, ari nk’utuganuke, impanuro n’ibindi. Uwo munsi usigura iki? Ni ayahe mamuko yawo?
Mu ngo nyinshi, igenekerezo rya 14 Ruhuhuma barifata nk’iryo kwiyibutsa aho urukundo rugeze kandi kakaba akaryo ko kwiyerekana.
Jean Duchemin yanonosoye ivyigwa vya kahise, asigura ko umunsi wa Saint-Valentin uri mu minsi abantu benshi bagomba kwiyitirira. Ni umunsi wa Valentin, umupatiri w’umuromani yabayeho ku ntwaro y’umwami Claude wa 2 yatwaye mu kinjana ca gatatu inyuma y’ivuka rya Yezu. None ni igiki catumye Valentin avugwa cane gushika uno munsi?
Umwami Claude wa 2 yari yanse ko haba ubugeni mu ntumbero yo gutuma abasirikare biwe baguma kw’ibanga. Uwo mupatiri Valentin ntiyahagaritse gushingira abantu, umwami aca aramufata yongera aramupfunga.
Nk’uko Jean Duchemin abandanya abimenyesha, Lupercalia wari umunsi mukuru w’abapagani ujanye no kurondoka. Kuri uwo munsi baba bagomba kwibuka imana Lupercus, kikaba igihe kandi co gutuma abakiri bato bashobora kuvyara. Ishengero ntiryatevye kugira ico ribivugako, kuko nk’uko Duchemin abandanya abivuga, uwo munsi w’abapagani ishengero ryawuhinduye mu munsi mukuru wa katorika, mu ntumbero yo gushobora kugenzura inyifato y’umwe wese no gucungera uko bubahiriza imico.
Uwo munsi uca witwa uwa Saint-Valentin, umunsi mukuru w’abakundana.
Kubera bivugwa ko iyo umuntu akunda adaharura, umunsi mukuru wa Saint-Valentin uri mu minsi ituma abadandaza baronka amafaranga menshi, kuko abagura utuganuke baba ari benshi kandi bataba bitayeho ibiciro, igikuru kuri umwe wese kuba ari kuronka igishobora kunezereza umukunzi wiwe.
Mu gihe kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 14 Ruhuhuma isi yose ihimbaza umunsi mukuru abakundana bitiriye umweranda Valentin, umwe wese hagati y’abo bakundana aho ari aguma yiteze ikintu gishasha umukunzi wiwe ashobora kumugirira mu kumuryohera, ariko rero hari ibintu bishika umuntu atari yiteze, bigashobora kubisha ibirori.
Ibi bintu 8 bishobora kubisha ibirori
1. Umwigeme canke umugore ashobora gutaha kare yihuta kugira ategurire ivyo kurya umugabo canke umukunzi wiwe atari amenyereye. Ashitse muhira agasanga wa mugabo wiwe yafunguye kera ivyo yahasanze, maze ariko yiterera inkuru n’abagenzi biwe.
2. Ushobora kuva mu bikorwa vyawe vya minsi yose kugira isaha mwavuganye ntigutange, washika muri « bus » mukarwa muri « embouteillage », ngendanwa umucanwa waheze, wa mukunzi wawe aguhamagaye akumva ngo « muragerageza hanyuma » agateba akaguhebura agataha.
3. Muri kumwe n’umukunzi wawe, muriko mutambuka mwirebanga. Umukobwa yambaye vya birato birebire, ngico kiravunitse, urubanza rukaba rurahindutse.
4. Umuhungu ashobora guhamagara umwigeme bakundanye ati : "Fata i moto unsange aha", bugingo yuriye imoto ngiyo imvura iramunyagiye yatose wese, ntibigikunze ko mwicarana nawe yajovye.
5. Hari abategura « gateaux » neza icafyeko umutima, hageze ko ayishirako agasukari, akihenda agashirako umunyu, urubanza rukaba rurapfuye.
6. Uwo mukundanye yaraguteguje ko muzosangira umunsi mukuru wa St Valentin, bungingo mutanguye gusangira agacupa, nguwo ariko akubwira amakosa ufise, bikavamwo guharira no gushwana mu nyuma, ehe muciye muhebana kuri uwo munsi w’abakundana.
7. Mu maze iminsi mikeyi mukundanye, ku munsi wa St Valentin, umukunzi wawe yaguteguriye « surprise » y’umukeke utetse neza cane. Mu gihe umutima uriko urasimba kubera igishika c’ivyo wibaza yaguteguriye, apfunduruye isorori yuzuye wa mukeke, noneho umutima ugasiba kubera ivyo ubonye atavyo ukunda, uruhukiye kwa muganga.
8. Ufise uwo mukundana yiga muri kaminuza, aha nyene mugihejeje kubonana mutaricara ngo mutangure gutwenga, bamuhamagaye bamubwira ko kw’ishure yayobewe, ariko hari aho bamurenganije, yiruke kubiraba neza.
IGIHE
Messages
15 Ruhuhuma 2016, 09:33, par Muhanuzi
Mwibagiye N’ubusambanyi Bukorwa N’abahungu N’abakobwa Kuruwo Musi Mwita Mweranda Ugaca Uhinduka Umusi Woguhuza Ibitsina Nokubatabirekuriwe.
15 Ruhuhuma 2016, 09:41, par Mumpe
Mugerageze Mudusigurire Uwo Musi Neza Kuko Ntituwutahura Namba Murimake Nuwabakatolika Ntabwo Aruwabakundana. Hanyuma Ubwo Bweranda Bwa Valenti Yabukuyehe Ko Ntamweranda Kwisi Yahigeze
15 Ruhuhuma 2016, 15:45, par VEDASTE
EMWE! ABAKUZE NDUMVA BAKOMEREWE!
17 Ruhuhuma 2016, 15:01, par Nsavyimana Emmanuel
Jew niyumviriy ko birinze bigend uko batab bakundanye neza.kuk uwomusi ntub aruwokuharira uba arumusi wokunezerwa nuwo mundanye.ikindi nac ,uwomukundany nahoyogukorer ibitakunezera ntiwoc ubimwereka mukirikumw.ahubw wotuma ubimubwir bukey uwos waheze.jew vraiment ndamufise nkunze ariko ntamakosa nob narabonye kuruwo musi.
17 Ruhuhuma 2016, 18:55, par Nsavyimana Emmanuel
Jew Mfis Amakenga Kuwonkunze! Ambarir Kankunda Mugabo Sindabibona.Mwonterer Iki?Koyambwiy Ndamugurir Fone Ndayimuhe Cank Ndeke?Raba Icomwonterera 6894451 uwubona haric yompanur ampanure.
17 Ruhuhuma 2016, 22:27, par Pierre Shukurani
Harico Mutavuze Gikorwa Kuruw Muns.Ubusambanyi Umengo Mwabwirengagije Kuk Abakobw Batwara Inda Nyishi Kuruw Muns
23 Ruhuhuma 2016, 21:17, par 69644698
abobacabaja mubusambany ntibaba bakora kubwimbaraga zimana nibabandi bataziyuk gusambana aricaha na bokurambikwahibiganza pe!
29 Ruhuhuma 2016, 07:24, par NYANDWI ISMAEL
SAINT VALENTIN NDABIBONA NKUMUGANI KUKO SINDAKUNDA
6 Ntwarante 2016, 04:28, par Bernard
Ndi Bernard Uwodukundanye Sinomukunda Kubwa Makache Nomunda Kubwo Namushimye Itworyonderera Itunanga Ntatunga Risumba Umutima Mwiza
17 Ntwarante 2016, 17:37, par Ernest
Oya Namwe Murasarisha! None Ayo Makosa Yobaho? Mwatubwiye Ico Uwomusi Usigura None Ntabawufata Ukutariko Bakavugako Ariko Kanyakoguhuza Ibitsina Nkokubantu Baba jeune? Inyishu!
17 Ntwarante 2016, 22:39, par Bernard Ryasoro Gitega
Uwomusi Bishitse Urihangana Mugihe Bitararibwashike Umunyako Ara Satani St Valentin Beshi Bamenyako Arumusi Wogusambana Mwobafasha Iki?
12 Ndamukiza 2016, 20:38, par VIATEUR
VREMENT UBUHINGA BWARAGWIRIYE,IC’UTAZI URABAZA
17 Ndamukiza 2016, 22:09, par 79684246
Nivyiza ndbikunze kandi namenye
20 Ndamukiza 2016, 21:52, par Niyonkuru.Egide
Njewe.Narakuze.Umukobwa.Ikiringo.Cumwaka.Mungabo.Ndamubwiye.Ndusohokane.Ntavyemera?Kandi.Iyongiye.Iwabo.Ntiyemera.konokwicara.Muhira.Iwabo.Acanyakirira.Kwirembo?
23 Ndamukiza 2016, 07:25, par Vital Baransananiye
Nukuri Birankozeh Mana We!!! Namananiz Gus Arik Ari Nkajew Ndumva Bimwe Bimwe Noshobor Kuvyihanganir Umukunz Bury Nikigoy
1er Rusama 2016, 23:37, par Cedrick
Noneud Uwomusi Woba Ufitaniye Isano Namadini Nka Islam
1er Rusama 2016, 23:39, par Cedrick
Noneud Uwomusi Woba Ufitaniye Isano Namadini Nka Islam
29 Rusama 2016, 22:32, par Irene
Tubwire
31 Rusama 2016, 20:52, par Nsh Gervais
Nukuri Uwomusi Bawutwarukutariko Kukosumusi Wubusambanyi Ariko Umusambanyi Ninkimbwipfuye Imbere Y Imana
8 Myandagaro 2016, 05:27, par Priscille
Ndi Umwigeme Nakundanye Numuhungu Dukora Imibonano Mpuzabitsina Nyuma Turahebana.Ubu Nkundanye Nuwundi Tumaranye 3ans Ariko Ambwirako Tuzobana Nawe Yagiye Kusabako Twokora Imibonano Mpuza Bitsina Naramwankiye Kubera Ivyuwo Wampere Yankoreye.Twama Dushwana Kuko Navyase Ngo Sindamukunda.None Urukundo Rugaragarira Muguhuza Ibitsina?Ariko Naramubwiye Ivyashikiye Nuwo Muhungu Wambere Twakundanye Yaravyakiriye Arambabarira Kuvyashitse Nawe Asaba Burumusi Kotwohuza Ibitsina. Ariko Jewe Ndumvako Ndamukunda Cane .Nimungire Inama .Murakoze.
12 Myandagaro 2016, 01:25, par elvis drona ndaho
ego kuruwo musi abatwara inda nibenshi canee kwere
21 Gitugutu 2016, 08:48, par NIMFASHA ETIENNE
JEWE UMUKUNZIWANJE SINIGERA NDAMUHA IKADO AHUBWONIWEYAZIMPA
21 Gitugutu 2016, 20:10, par Lin Mpawenayo
Nifyuza Ko Ku wo Musi Wa Bakundana Imana Yo Hagarikir Umwumwe Wes Nuwo Akunz Kugira Ntihagir Ingoran Nimw Yoshikir Mugenziw Yopfum Iba Uwo Mus Wahez Bakameny Uko Bavyifatamw.
21 Gitugutu 2016, 20:11, par Lin Mpawenayo
Nifyuza Ko Ku wo Musi Wa Bakundana Imana Yo Hagarikir Umwumwe Wes Nuwo Akunz Kugira Ntihagir Ingoran Nimw Yoshikir Mugenziw Yopfum Iba Uwo Mus Wahez Bakameny Uko Bavyifatamw.
4 Munyonyo 2016, 18:52, par Harerimana Pierre
Ni Vyiza
26 Munyonyo 2016, 12:52, par NISHIMWE JOTHAM
UMUNSI WA C,EST VALANTIN UMEZE GUTE NASHAKA KUMENYA INGENE NO BITANGURA NINGENE NOBIHEREZA.BURYA BIRAFISE INGARUKAMBI KUBA TARAKWIZA IMYAKA 18
9 Kigarama 2016, 15:35, par EMMANUEL MUKARYAS IBURUND
nukurikwima na ndumva ivyobintu bincanga warah
14 Kigarama 2016, 11:04, par Key C
Numusi Mukuru Wa Anti Christo Abachristu Ntibakwiye Kuwuhimbaza
19 Kigarama 2016, 18:24, par emery NSONERIMANA
jewe nagomba mbaze nimpaka uwo muhuje ibitsina(wumukobwa )abe efise amazi.
23 Kigarama 2016, 12:49, par Hakizimana Alain Desire
NIVYUKURI NUMUSI MUKURU WA ANTI-CHRIST!
13 Ruhuhuma 2017, 13:48, par Ndayegamiye Ferdinand
Ni umusi mukuru mwiza kuko abakundana ni umusi mukuru wabo.
7 Ntwarante 2017, 22:48, par Egide
ndi egd i mutaho narasomy ivyiyumviro bamaze gushikiriza,nanj ico noshikiriza nuko urukundo barufata ukutarikwo canke ntibaba
bakundanye kuko uwo ukunda ntumugirira nabi ikindi naco n,uko twomenyako imibiri yacu ari ingoro ya mutima-mweranda
7 Ndamukiza 2017, 18:29, par j.paul BIZIMANA batazira kavuyo
kabisa ivyo birashika gusa birakwiye kotwisuzuma hakiri kare ariko jewe ntayo nigera mpimbaza kuko mbakure yuwodukundanye nigakure yaho aba
9 Ruheshi 2017, 10:03, par iza
naj umusi mukuru wabashakany ndawer arik suwo gusesagur bahungu namwe beme mubakako inyuma yumusimuru ubuzima bubanda
13 Ruhuhuma 2018, 22:20, par Alexandre Nshimirimana
Nivyiza Ko Abakundanye Bagira Umusi Mukuru Ariko Nivyiza Kuruta Uwo Munsi Woba Uwo Kwibagira No Kurekurira Ibibi Vyose Umugenzi Yakugiriye Mbere Mukaba Bashasha Murukundo Rwanyu
23 Rusama 2018, 14:38, par Arlette
murakoze cane,