Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi b’abarundikazi bakwiye kuvavanura n’ivyiyumviro vy’ukwikumira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abakenyezi b’abarundikazi bakwiye kuvavanura n’ivyiyumviro vy’ukwikumira

Abakenyezi b’abarundikazi bakwiye kuvavanura n’ivyiyumviro vy’ukwikumira

vendredi 9 Myandagaro 2013

Mu bikorwa vyo guhimbaza umunsi wahariwe umukenyezi wo muri Afrika kuri uyu wa gatanu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanguje i Bujumbura inama yo guhanahana ivyiyumviro ku ruhara rw’umukenyezi w’umurundikazi mw’iterambere rirama kandi ridakumira.

Mw’ijambo ryiwe, Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ashimishwa n’ukwitanga kw’umukenyezi w’umurundikazi mw’iterambere ry’igihugu. Yashikirije ko utwigoro twabo mu bikorwa vy’iterambere ku buzima bw’igihugu ari ngirakamaro, ari naco gituma Leta y’Uburundi itazohengeshanya gufata mu mugongo abo bakenyezi.

Petero Nkurunziza yaboneyeho n’akaryo ko gutekerera impanuro abakenyezi b’abarundikazi, abasaba kurengera ivyiyumviro vya kera bifatiye ku mico n’imibano, ari navyo kenshi bibatuma bikumira ubwabo. Nk’uko yabimenyesheje, abakenyezi baca barekerana abagabo bagafata ingingo bonyene kandi ziba ari iziraba umuryango wose.
«Dusavye abakenyezi kwiteza imbere, bihe agaciro, baje mu nzego zifata ingingo, gutyo baterere agacumu k’ubumwe mu bikorwa vy’iterambere ry’igihugu.

Muri iyo nama yari yatabwe n’abandi batumire mvamakungu, umupfasoni wa Goodluck Jonathan, umukuru w’igihugu ca Nigéra yagarutse ku ntumbero y’umunsi mukuru wahariwe umukenyezi w’umunyafrika n’akamaro kawo kuva utangujwe mu mwaka w’1962


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.