Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi b’abarundikazi basabwa gushigikirana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abakenyezi b’abarundikazi basabwa gushigikirana

Abakenyezi b’abarundikazi basabwa gushigikirana

vendredi 6 Ntwarante 2015

Bamwe mu bakenyezi b’inararibonye mu Burundi, bamenyesha ko umunsi mukuru w’abakenyezi, ari akaryo keza ko gutsimbataza iyubahirizwa ry’agateka kabo.

Bernadette Bankumuhari, umukenyezi wa mbere yabaye umushingamateka, avuga ko igenekerezo rya 8 Ntwarante, ari umunsi udasanzwe ku barundikazi n’abandi bakenyezi bose, mu gihe uwo munsi, abakenyezi baheza bakaraba intambwe bagezeko mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu.

Bernadette Bankumuhari

Avuga ko mu mwaka w’1976 yagiye mu gihugu ca Tchécoslovaquie, kugira hatorwe uwo munsi mukuru, aho akaba yari yagiye ku bw’umuhari w’abarundikazi UFB wegamiye umugambwe UPRONA. Uwo munsi w’igenekerezo rya 8 Ntwarante wahavuye wemererwa mu mwaka w’1977 nk’uko abandanya abivuga. Mu mwaka w’1963, mu nama yarimwo i Moscou, abakenyezi bavuze ko aribo bategerezwa kuzorwanira agateka kabo, iyo nama, nk’uko Babnkumuhari abivuga, ikaba yariko irahuza abakenyezi ba Aziya na Afrika.

Uwo mukenyezi w’imyaka 78, afise abana 12 hamwe n’abuzukuru 29, asaba abarundikazi gushigikirana, muri iki gihe hegereje amatora. Avuga ko n’aho abarundikazi bose batari mu migambwe imwe, ariko ntibari bakwiye gusamburana, kuko umwe aduze, agatera intambwe, ari abarundikazi bose baba bateye intambwe. Avuga ko kugeza ubu, ahimbarwa iyo abonye hariho abashikiranganji b’abakenyezi aha akavuga nk’umushikiranganji w’amagara y’abantu, uwugutwara ibintu n’abantu, uw’agateka ka zina muntu, uw’ukwinjira kw’Uburundi mu karere ka EAC, uw’uburimyi n’ubworozi n’abandi.

Bernadette Bankumuhari, agaca yibuka mbere, ingene mu mwaka w’1961, yabajijwe n’umunyeshamakuru w’umubirigi, namba yoshobora gufatanya amabanga y’urugo na poritike? Ico gihe Bankumuhari akaba yishuye ko wenyene azi uko yitunganya. Ati:’’ Abana banje ni abana banje, kandi igihugu canje ni igihugu canje’’. Uwo mumenyeshamakuru, akaba yamubajije ivyo, mu gihe muri iyo myaka, mu gihugu c’Ububirigi hatagira umushingamateka w’umugore canke umushikiranganji.

Bernadette Bankumuhari i bubamfu yicaranye na Sylvia Kinigi yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi

Bernadette Bankumuhari, arangiza avuga ko Uburundi buriko buratera imbere, mu gushigikira abakenyezi bitoza yaba mu nama nshingamateka na nkenguzamateka n’abaja mu bindi bibanza bitandukanye. Uwo mukenyezi akarangiza yipfuza ko igitigiri c’abakenyezi bahabwa amabanga akomakomeye mu gihugu cokwiyongera, kandi abakenyezi bakaba aba mbere mu kubiharanira.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ndumva uwo muvyeyi yaragize ico avamwo kiboneka.
    None muri abo bana biwe 12 n’abuzukuru 29, harimwo abakenyezi bangahe bafise ico bamariye Uburundi n’abarundikazi? None ko mwatubwiye ko afise abana n’abuzukuru ntimutubwire uwo bashakanye. None yoba ari muka Bankumuhari Valentin? Afise ayahe mashure canke iyihe diplôme ko umengo abona kure?

  • Ndumva uwo muvyeyi yaragize ico avamwo kiboneka.
    None muri abo bana biwe 12 n’abuzukuru 29, harimwo abakenyezi bangahe bafise ico bamariye Uburundi n’abarundikazi? None ko mwatubwiye ko afise abana n’abuzukuru ntimutubwire uwo bashakanye. None yoba ari muka Bankumuhari Valentin? Afise ayahe mashure canke iyihe diplôme ko umengo abona kure?

  • yakoze iki kugira ngo abarundikazi bareke guhohhoterwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.