Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi bakwiye guhabwa ikibanza gikwiye mu butungane bw’inyuma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abakenyezi bakwiye guhabwa ikibanza gikwiye mu butungane bw’inyuma (...)

Abakenyezi bakwiye guhabwa ikibanza gikwiye mu butungane bw’inyuma y’intambara

vendredi 23 Rusama 2014

Nk’uko abakenyezi bari mu bakorwako cane n’intambara, ni ivyangombwa ko bogira ababaserukira bakwiye muri wa murwi wo kumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi, nk’uko bivugwa na Dawn Liberi aserukira Reta zunzubumwe za Amerika mu Burundi.

Ni muri iyo ntumbero ishirahamwe Fontaine Isoko, rifashwe mu mugongo n’ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, ryashizeho umugambi ryise "Kwongereza ibitigiri vy’abakenyezi baserukira abandi hamwe n’abakozweko n’intambara mu ntumbero y’ugufasha muri bwa butungane bw’inyuma y’intambara (Renforcement du leadership des femmes et victimes pour leur participation effective aux mécanismes de la justice de transition au Burundi)

Uwo mugambi ukaba ugamije gushiraho ivyotuma abakenyezi bagira ikibanza gikwiye muri wa mugambi wo kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi, kugira bavugire abakenyezi bagenzi babo, bongere ndetse bashimangire ku bakenyezi bahohotewe mu gihe c’intambara. Ni nkenerwa kandi kugira ijwi ry’umukenyezi rishobore kwumvikana, kuko bakeneye abavugizi bashobora kwumva ingorane zabo hamwe n’ivyo bakeneye kugira babatorere inyishu zikwiriye, nk’uko Dawn Liberi, aserukira Reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi abandanya abishikiriza.

Uwurongoye ishirahamwe Fontaine Isoko akaba yashimiye igihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika ari naco ciyemeje gufata mu mugongo uwo mugambi mu buryo n’ibikoresho, yashimiye kandi abashingamateka bari bamaze iminsi muri urwo ruganda bakora batiziganya biyumvira ivyokorwa kugira umukenyezi aronke ikibanza gikwiye . Seconde Nyanzobe yashimiye n’ubushikiranganji bwo gufatana mu nda n’agateka ka zina muntu n’igitsina kuba bwiyemeje kubashigikira mu gukorana nabwo.

Mwomenya ko mu ntumbero yo gutanguza icese uwo mugambi hari hatunganijwe uruganda ku bashingamateka rwo guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye ico kibanza nyene umukenyezi yogira muri ubwo butungane. Kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 23 Rusama akaba ariho hasozerwa ivyo bikorwa, abashingamateka icenda bava mu migambwe itandukanye akaba aribo bakurikiranye ivyo bikorwa vyamaze iminsi ine ,ndetse bakaba bahawe n’urupapuro rwerekana ko bakurikiranye ivyo bikorwa (certificat).


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.