Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakenyezi bavuga ko bakumiriwe mu nzego za Reta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abakenyezi bavuga ko bakumiriwe mu nzego za Reta

Abakenyezi bavuga ko bakumiriwe mu nzego za Reta

samedi 26 Nzero 2013

Agateka ka zina muntu ngo n’ico kiza imbere mu gushikira iterambere rirama ninako gatuma ugukumirana bihera. Abakenyezi babona ko bahohoterwa mu kudashigwa munzego zitunganya amatungo ya Reta. N’ubwo biri uko ngo amategeko yoyo aratomoye.

Abakenyezi b’abarundi ngo barakumiriwe mubijanye no gutunganya imigambi y’iterambere kandi bafise uruhara mugushikira umugambi ugira kabiri wo kurwanya ubukene CSLPII. Amashirahamwe y’abakenyezi agera kuri ane Dushirehamwe, AFRABU, CAFOB na Reseau Femme et Paix avuga ko umukenyezi w’umurundikazi ategerezwa kumenya ko afise uburenganzira bwo gukora ibikorwa bimuteza imbere n’ibitezimbere igihugu gutyo agashobora kuba mubazezwa amabanga yo gutunganya amatungo y’igihugu.

Ngo ikibazo kiracahagaze kw’ikumirwa rifatiye ku mategeko y’igihugu adatomora neza uruhara rw’umukenyezi. Ikindi naco ngo n’imico igikwirikizwa kandi ikumira umukenyezi. Akarorero gatangwa ngo n’imvugo y’ikirundi bavuga ko urugo ari umugabo aho kuvuga ko urugo ari umugabo n’umugore. Ngo ivyo vyose n’ivyo bikwiye guhinduka muntambamyi zishira umukenyezi inyuma.

Mu nyigisho abaserukiye abandi muntara zine Gitega,Rutana,Muyinga na Cibitoke baronkejwe i Gitega kumunsi wa gatatu. Umuhinga yafatira cane cane ku masezerano atandukanye Reta y’uburundi yagiye irashirako umukono akingira agateka ka muntu nkAa Maputo, ay’i Geneve n’ayandi. Ayo yose akaba akingira abantu bose harimwo n’umukenyezi.

Abaserukiye ayo mashirahamwe bobo bavuga ko bakibangamiwe mungo zabo kubijanye n’ubwigenge mu vy’ubutunzi, ngo bakora ivyo bategetswe n’abagabo babo gushika naho nigihe abaye ari umupfakazi asigara ategekwa n’abo mu muryango w’umugabo mugutunganya amatungo. Abo bakenyezi baragiriza Reta yuko atashaka igira kugira igwanye iryo kumirwa akarorero ngo n’ibitigiri vy’abakenyezi biri mu nzego za Reta.

Nko mubarongora intara, kuri ba buramatari 17 harimwo umukenyezi 1 gusa atwara intara ya Bururi. No mugutanga ubuzi muri Reta ntibigera baraba uburinganire bw’abagabo n’abagore aho rero ntihavuzwe mubuzi bw’abikorera utwabo batanga ubuzi. Abandi nabo bakagaruka kukudahana bituma amabi akorerwa abakenyezi adahanwa, abana babigeme batwazwa imbanyi n’ababashurashuza ku nguvu ariko ntibahanwe kandi amategeko atomoye.

Amwe muri ayo mashirahamwe akaba yatanguye gukorana n’ayandi mashirahamwe yo mukarere nka AFRABU yitaho gufasha abahungutse iza iratunganya ibiganiro bibahuza n’abo mw’ishirahamwe Duterimbere ryo mu Rwanda ryitaho gutsimbataza amahoro kugira bahanahane ivyiyumviro na cane cane bungurane ubwenge.

Ngo Reta rero ntiyohava yibaza ko izoshobora gushira mungiro uwo mugambi ugira kabiri CSLPII mugihe umukenyezi agikumiriwe kandi ari inkingi y’iterambere.


Reverien Bazikamwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.