Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umukenyezi w’umurundikazi akwiye kwijukira ibikorwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Umukenyezi w’umurundikazi akwiye kwijukira ibikorwa

Umukenyezi w’umurundikazi akwiye kwijukira ibikorwa

jeudi 1er Myandagaro 2013

Kuva kera na rindi umukenyezi yamye ari kirumara mu muryango. Yirirwa ariruka mu tuntu n’utundi. Umukenyezi w’umurundikazi yaraja mu murima yavayo agashika akora utundi dukorwa two mu rugo dutandukanye, gutyo ubuzima bwo mu muryango bukabandanya.
Muri ino minsi ubukene bwugarije imiryango itari mike, mbega umukenyezi w’umurundikazi avyifatamwo gute? Abayeho gute? Yokora iki?

Mu bakenyezi bashoboye kuganira n’ikinyamakuru IGIHE bamwe bamwe bamenyesha ko kuva kera na rindi umukenyezi w ‘umurundikazi yama ari umuntu yihagararako. Muri abo, hari abafise akazi n’abandi ataho bisumamwo. Uno musi umukenyezi ariruka irya n’ino kugira ashobore gufasha umushingantahe wiwe gutunga umuryango.

Abo bakenyezi baranegura bagenzi babo bagifyina kandi barabonye ko ubuzima busigaye buzimvye bakarindira ko vyose ari umugabo babo babikora. Bamenyesha ko hari n’abandi nk’umushingantahe usanga yahaye umutahe yatangura kudandaza ugasanga arawuriye wose arawumaze kubera gusesagura. Benshi muri abo basesagura uca usanga babanye nabi n’abashingantahe babo kuko haca hama uruhagarara mu ngo zabo.

Bavuga bati : "Ubukene nivyo burugarije imiryango n’igihugu muri rusangi ariko rero bahanura bagenzi babo kutarera amaboko, ko bashobora gukora urudandazwa ruto ruto rubinjiriza n’aho yoba make kuko biruta kwicara. Babahamagarira gukura amaboko mu mpuzu, bagakorana umwete gutyo bagasahiriza abashingantahe babo, ntibame bateze amaso abagabo babo. Ikindi naco umukenyezi w ‘umurundi yari akwiye kwijukira kuja mu mashirahamwe atanga ingurane kuko ariho yungukira ubumenyi, akongera akaniyungunganya nawe mu bandi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.