Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakokayi basigaye bagwana bapfuye abiyunguruza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abakokayi basigaye bagwana bapfuye abiyunguruza

Abakokayi basigaye bagwana bapfuye abiyunguruza

mercredi 6 Ruhuhuma 2013

Hari mu gitondo co kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Ruhuhuma, 2013 aho twasanga abakokayi bafatanye mw’izosi .Ivyo bikaba vyabereye aho bita kwa Siyoni mu kibanza gihagararamwo imiduga ija mu bihugu duhana imbibe , muri komine ya Ngagara.

Intandaro ya vyose n’umukenyezi yari aje kwurira umuduga umwunguruza mu miduga yari itonze ngaho. Umukokayi umwe aca amwaka umwana ngo amumutwaze mu muduga yariko arapakira, uwundi nawe ahitana ivyo uwo mukenyezi yarafise ngo abishire mu wundi mu duga.

JPEG - 39.4 ko

Kuko umwe wese yashaka gutwara uyo mukenyezi n’umwana hakabura uwuhebera uwundi, niko gufatana amashati baragwana. Umwe muri bo akaba yakomeretse cane, abari ngaho nibo bagerageje ku babangurukanya ariko bigoranye.

Bamwe mu biyunguruza muri iyo miduga twavuganye bakaba batubwiye ko abo bakokayi bama bagwanye bapfa abo batwara, ivyo rero bikaba bibabaza abiyunguruza muri iyo miduga kuko bavuga ko babagwanira nk’imizigo.

Aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye ho ngo ibintu vyarunyutse kuko abiyunguruza bagabanutse ku rugero runini, ivyo bigatuma abo bakokayi bakora ibishoboka vyose kugirango baronke abo bapakira kuko arivyo bibatunze mu buzima bwabo bwa minsi yose.


Paterne Nsengiyunva

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.