Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakristu bo mu biyaga binini barambiwe n’abasira indava abanyakibi mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Abakristu bo mu biyaga binini barambiwe n’abasira indava abanyakibi mu (...)

Abakristu bo mu biyaga binini barambiwe n’abasira indava abanyakibi mu bihugu vyabo

samedi 29 Ntwarante 2014

Abemera Yezu Kristu bo mu bihugu bigize ibiyaga binini, bagize urugendo rw’amahoro mu gisagara ca Bujumbura, aho bariko biyamiriza amabi akorerwa abakenyezi, kudandaza abantu no kudahana ivyaha.

Muri urwo rugendo rwari rwitabwe n’abakristu bo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Urwanda n’Uburundi, bari bahagatiwe n’abungere b’amashengero ya Katorika na Anglicane bo muri ivyo bihugu. Urwo rugendo rukaba rwahereye kw’isengero nkuru y’Anglicane mu gisagara ca Bujumbura, rubandaniriza kuri Cathedrale Regina Mundi.

Indirimbo zihayagiza Imana n’umwana wayo Yezu Kristu, eka n’umuvyeyi Bikira Mariya, zikaba arizo zagenda zirasamirana mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, abaporisi nabo, bacungereye umutekano w’abo bakirisu bariko biyamiriza amabi akorwa, eka no kudahana ivyaha vyiraye muri ibi bihugu vy’ibiyaga binini.

Mw’ijambo ryo kwakira abashitsi mu ngoro ya Cathedrale Regina Mundi, Musenyeri Varisito Ngoyagoye yamenyesheje ko basaba Imana kubaronsa amahoro, ibihugu vyo muri aka karere bigire umutekano. Yavuze ko uru rugendo atari urwa mbere muri aka karere, hari n’urundi rwari rwaragizwe mu gisagara ca Goma, aho hari abantu isinzi ku wa mbere Kigarama umwaka uheze.

Ku bwa Musenyeri Bernard Ntahoturi arongoye ishengero rya Anglicane, yamenyesheje ko amabi akorwa ari menshi muri ibi bihugu kandi adahanwa. Asaba ko abahohotera abakenyezi n’abigeme bomenyekana, kandi bagahanwa. Yabandanije amenyesha ko amabi akorwa aha mu Burundi, amabi akorerwa abana b’Imana, abayakora bihisha, ntibagaragare. Ku bwiwe akakristu bakwiye kuja hamwe, bagire bati, oya, oya inkozi z’ikibi ntizigasubire gusasirwa indava mu bihugu vy’ibiyaga binini. Avuga ko inama n’ingingo bitabonetse, amahoro mu biyaga binini bizogorana kuboneka.Ukuri kuzanwa n’ivyiyumviro vya benshi, ukuri ntikuzanwa n’iciyumviro c’umwe, ijambo ry’abandi ryubahwe, ntirigakengerwe.

Ntahoturi abandanya agira ati : ‘’Abana birirwa baradandazwa nk’aho umenga n’amagunira y’amakara, batwarwa mu mahanga, abandi bamburwa buri munsi, abakristo tuvuge tuti imoso, tubihakane kuko siko Imana ibigomba. Avuga ko kubera imigambi n’ibizoba mu myaka iri imbere, asaba abakristu guhagurukira rimwe, ejo bose, abafise ico bemera baze bagasengere igihugu mukuboha imigambi mibi ikorerwa muri iki gisagara. Yarangije avuga ko igisagara ca Goma, Bujumbura na Kigali ari ibisagara vy’Imana batagiye kubihebera ivyaha, n’ukudahana ababikora.


Aristide Nizigire

Messages

  • Rabe mukosore udukosa turimwo erreurs de frappe.murakoze

  • Ndumva ivyo aba ba kristu benewacu bavuga arivyo gusa imana siyo ni satani yuzuye mumitima yabantu.rwose ndemera kandi nkemeranya ko umuntu wese akora ihohotera kiremwa muntu akwiye gukurikiranwa batarabiye umugabwe canke aho aturuka.ubona ko arivyo bitwaza.imana ibandanye idufashe turwane dutsinde.

  • MUSENGE,MUSENGERE IGIHUGU N’AKARERE KACU,KANDI MUCE BUGUFI ,MWINGINGE IMANA Y’IMBABAZI ,MUYEREKEKO ABO MURONGOYE MUMASHENGERO BAKENEYE GUTEKANIRWA MURIVYOSE NAHOSE ,MUGUSONERANIRA MUMIBEREHO ITANDUKANYE,IMANA IZOHEZA ITWUMVE HANYUMA ITUGARUKIRE KUBERA YUMVISE AMARIRA N’AMABOROGO Y’ABAYO BOOSE!!IMANA IBAHEZAGIRE BAVANDIMWE

  • MUSENGE,MUSENGERE IGIHUGU N’AKARERE KACU,KANDI MUCE BUGUFI ,MWINGINGE IMANA Y’IMBABAZI ,MUYEREKEKO ABO MURONGOYE MUMASHENGERO BAKENEYE GUTEKANIRWA MURIVYOSE NAHOSE ,MUGUSONERANIRA MUMIBEREHO ITANDUKANYE,IMANA IZOHEZA ITWUMVE HANYUMA ITUGARUKIRE KUBERA YUMVISE AMARIRA N’AMABOROGO Y’ABAYO BOOSE!!IMANA IBAHEZAGIRE BAVANDIMWE

  • Pastor Peter canke umutambukanyi wiwe boba bari yaje? Canke basenga abandi batashe nka Concilia Coco aja ku kazi ku mugoroga agacana ama bougies kugira ntihagire uwumubona!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.