Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abana b’abatwa biga nabi nabi naho biga ku buntu mu mashure y’intango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abana b’abatwa biga nabi nabi naho biga ku buntu mu mashure y’intango

Abana b’abatwa biga nabi nabi naho biga ku buntu mu mashure y’intango

vendredi 7 Kigarama 2012

Kuva mu mwaka w’i 2006, reta y’u Burundi yarafashe ingingo y’ukwigisha abana bose ku buntu bo mu mashure y’intango. Ariko abana b’abatwa bobo bavuga ko ata karuko babibonamwo.

Ingingo yo kwigisha abana ku buntu yatumye abana benshi bava mu miryango ikenye rwose n’iyaba ntahonikora bararonse amahirwe y’ukuja mw’ishure. Ariko rero gushika ubu abana b’abatwa batari bake ntibiga. Imvo ni nyinshi: Bamwe bahebeshwa n’ukubera abandi banyeshure babinuba ngo n’abatwa, abandi bagahebeshwa n’uko abavyeyi babo ata mikoro bafise kuko naho amafaranaga y’ishure yafuswe, amashure aracasaba ayandi mafaranga nk’akarorero ayo kwubaka amashure mashasha canke gusanura ayahasanzwe.

Akarorero ka hafi n’akabana b’abatwa baba ku musozi witwa Samvura muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba mu bumanuko bw’u Burundi. Abana baba kuri uyo mutumba bava mu miryango cumi n’itanu, ugereranije umuryango wose uvyara hagati y’abana batanu n’indwi. Ibice birenga mirongo icenda kw’iajana(90%) vy’abana bahaba ntibiga.

Nyandwi Oren n’umwana w’umwigeme w’umutwakazi w’imyaka cumi yahevye amashure ageze mu mwaka wa kabiri. Avuga ko muvyatumye aheba harimwo imvo nyamukuru nyamukuru zibiri: abana bigana baramuhihiza bakamuzomera ngo n’umutwakazi, hanyuma aca agwara amaso abura amafaranga y’ukwivuza kuko ata mafaranga abavyeyi biwe bari kuronka y’ukumuvuza. Se w’uwo mwana amenyesha ko naho yoronka udufaranga dukeya adashobora kwihutira kuvuza uwo mwigeme kuko icihutirwa ari ukubanza kurondera utwo bafungura.

Ku bijanye n’abana b’abatwa baheba kuko baba babuze amafaranga y’ukuriha nk’intererano y’ukwubaka amshure mashasha canke kuyasanura, mu buyobozi bujejwe indero muri komine Mabanda bamenyesha ko bagiye kuja hamwe n’abajejwe intwaro kugira bandike abana ba ntahonikora gutyo ntibazosubire kurihishwa.
Abo bana b’abatwa co kimwe n’abavyeyi babo basaba kuronswa imfashanyo z’amakaye n’ibindi bikoresho kugira bige neza.


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.