Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Abantu barakwiye kugabanya kunywa inzoga zambiye’’-Amashirahamwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > ’’Abantu barakwiye kugabanya kunywa inzoga zambiye’’-Amashirahamwe (...)

’’Abantu barakwiye kugabanya kunywa inzoga zambiye’’-Amashirahamwe yigenga

mercredi 19 Kigarama 2012

Amashirahamwe yigenga akorera mu gisata co kugwanya kunywa inzoga ata kwigerera asaba Reta gushiraho politike y’igihugu y’ukugwanya ukwihereza ibinyobwa vyambiye abantu batigereye. Ivyo bisabwa n’urunani rw’amashirahamwe yigenga ahurikiye muco ayo mashirahamwe yise « Urunani rw’amashiramwe yigenga akorera mu gisata c’ukugwanya ukunywa ibinyobwa vyambiye abantu batigereye ».

Mu kiganiro uwurongoye urwo runani yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, yamenyesheje ko icatumye urunanai arongoye rugira imigabo y’ugusaba Reta gushiraho iyo politike ari ingaruka mbi ziterwa n’ukwihereza inzoga ata kwigerera kugiyemwo. Gordien Niyungeko atanga uturorero tutari duke : abanyeshule baja ku masomero bamabaye imyamabaro y’ishule(uniforme) ariko ukabasanga mu bunywero kandi bafise n’izo mpuzu ziranga amashule bigako, ingwara ziterwa n’ukunywa inzoga z’umurengera nka cancer na cane cane y’igitigu hatibagiwe indyane n’amatati yo mu miryango hagati y’abubakanye.

Ku bwiwe ngo biragoye ko abantu bose batahura ko ukwigerera ibinyobwa vyambiye ari ngombwa ari naco gituma Reta itegerezwa gushiraho politike itomoye y’igihugu igenga ukunywa inzoga. Abaraba ibintu n’ibindi bavuga ko bitoroshe kw’abarundi bashimishwa n’iyo ngingo. Babivuga bafatiye ku migenzo y’abarundi kuva kera.

Turetse abaja mu bunywero, mu mico y’abarundi inzoga zamye zifise ikibanza gikomeye. Nta rubanza na rumwe rwaba canke n’ubu ruba ata nzoga zirimwo. Inzoga zihuza abahana abageni, abasabana inka canke itongo.

Mu Burundi hariho imigani yerekana ko inzoga iyo umuntu ayinyoye atigerera zishobora kumukurako iteka n’ubuntu : « Inzoga ni nkura mu mubindi ndagukure mu bantu » ariko kandi hari n’abazihayagiza bakanazirirmba nk’uyu muririmvyi yagize ati : « Nzoheba ikindi sinzoheba umwerera wareze sogokuru na sogokuruza ».

Mugabo naho inzoga zisa n’uko zahawe ikibanza gikomeye mu buzima bw’abarundi, ubukene burangwa mu bakozi ba Reta n’abandi barundi butuma ukunywa inzoga bigabanuka rwose. Ishirahamwe rihingura inzoga BRARUDI riherutse kwemeza ko kuva ritangura gukora ritari bwigere risohora ibinyobwa bike nk’uko vyagenze mu mezi atatu aheze.


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.