Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Buterere: Ikibazo c’iyarara ntikibonwa kumwe n’abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Buterere: Ikibazo c’iyarara ntikibonwa kumwe n’abanyagihugu

Buterere: Ikibazo c’iyarara ntikibonwa kumwe n’abanyagihugu

jeudi 21 Munyonyo 2013

Abanyagihugu baba muri komine ya Buterere baribaza igituma Mairie ya Bujumbura yatoye iyo komine kugira iyarara ryose riva mu gisagara abe ariyo baja kurita. Ivyo babivuga mu gihe iryo yarara rifise akamoto kabi, ndetse n’abaciye iruhande yaryo bagahakwa kuyorwa. Ariko n’aho biri ukwo, abandi bo bavuga ko iryo yarara ariryo ribatunze.

Imyanda y’ubwoko bwose itera akamoto kabi niyo muri ico kibanza imiduga yo muri SETEMU ija gutamwo iyarara riva mu mazu, mu buriro, mu masoko y’igisagara ca Bujumbura. Abakozi bo muri SETEMU bavuga ko iyo komine ariyo itabwamwo iyarara riva mu makomine yose y’igisagara ca Bujumbura, mu gihe ubu hasigaye hari n’amashirahamwe akura iyarara mu makomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura nayo nyene agaca agenda gutayo iryo yarara.

Ariko rero n’aho iryo yarara rifise akamoto kabi kandi rikiyamirizwa na bamwe, hari abandi bavuga ko ribatunze. Isidonie Manirampa avuga ko afise abana 5, kandi ko ata n’ubundi buryo na buke afise kugira abatunge, eka kandi ntakazi afise kotuma ashobora kuronka imfungurwa z’abana biwe mu gihe kandi asanzwe ari n’umupfakazi. Isidonie Manirampa avuga kandi ko minsi yose mu gatondo, azindukira muri ico kibanza kugira arondere amakara n’ibindi bintu vyoba bigikomeye, kugira ashobore kubidandaza, arabe ko abana biwe batomupfira ko n’ikigoyi.

Ico kibanza rero ukaba ugisangamwo abantu b’imyaka itandukanye bariko bararonderamwo ivyo bofungura. Bavuga ko umunuko ataco ubabwiye, kuko inzara bafise izura inzara. Abatora ivyo bafungura muri iryo yarara, baremeza ko bazi neza indwara ziva kw’isuku rike, ariko ko atakundi baba bari bugire. Abo banyagihugu rero basaba amashirahamwe y’abagiraneza, ko bogarukira ba ntahonikora bo muri iyo komine kuko ari benshi ndetse batagira ayandi mikoro. Musitanteri w’iyo komine Ruratotoye Polina, aremeza ko iryo yararara riva mu makomine yose y’igisagara ca Bujumbura, barita muri komine arongoye ya Buterere.

Ku kibazo c’abaho ku Buterere bavuga ko batunzwe n’ugufungura ivyo batoye mw’iyarara, musitanteri avuga ko ivyo navyo nyene abizi, ariko ko ari ikibazo kigoye gutorera inyishu, mu gihe avuga ko abanyagihugu baho bavuga ko babikora kubera inzara. Mu minsi ya mbere hari abakozi ba komine bahora bagenda kwirukana abariko baratora ibintu mw’iyarara, ariko basiguye ingorane bafise mu miryango iwabo, abo bakozi bakaba barabaretse kukurengerwa n’ingorane abo banyagihugu basigura. Musitanteri abandanya avuga ko we akomeza agirisha amanama, asigura ingaruka mbi ku magara y’abanyagihugu bafungura ivyo batoye mu mayarara.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.