IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Abanyarwanda baba mu Burundi bibutse ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi

Abanyarwanda baba mu Burundi bibutse ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi

dimanche 7 Ndamukiza 2013

Haraheze imyaka cumi n’icenda Urwanda ruhekuwe, imiryango myinshi ibura ababo, abana benshi bacika impfuvyi. Abatutsi barenga umiliyoni barishwe mw’ihonyabwoko ryo mu mwaka w’1994. Ni muri iyo ntumbero abanyarwanda baba mu gihugu c’Uburundi bahuye kuw’Imana igenekerezo rya 7 Ndamukiza 2013, mu kigo ndangamico c’aba isilamu kugira bibuke ababo bongere basabe amakungu kwamirira kure ivyiyumviro bijana ku honyabwoko.

JPEG - 40.2 ko

Abafashe amajambo bose harimwo uwuserukiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi n’uwaserukiye Leta y’Ububrundi, umushikiranganji ajejwe urwaruka, inkino n’imico kama, Adolphe Rukenkanya bagarutse ku mabi y’ihonyabwoko, bongera basaba kurwaniriza hamwe intanduruko y’aryo.

JPEG - 37.2 ko

Uwuserukira Urwanda mu Burundi yahojeje imiryango yabuze ababo yongera yibutsa ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’igihugu c’Urwanda bazorwanya ihonyabwoko aho riva hose.

JPEG - 32.5 ko

Tubamenyeshe ko hategekanijwe ugushinga intahe ku barokotse muri iryo honyabwoko ku musi wa kabiri no kuwa kane, igenekerezo ry’icenda n’irya cumi na rimwe Ndamukiza umwaka w’2013, mu kigo ndangamico c’aba isilamu. Ku musi wa gatandatu niho indwi y’icyunamo(ikigandaro) izosozerwa

JPEG - 46.3 ko
JPEG - 52.2 ko
JPEG - 36.8 ko
JPEG - 43.1 ko
JPEG - 41.9 ko

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.