Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeporitike bahunze igihugu ntabudahangarwa bazoronswa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Abanyeporitike bahunze igihugu ntabudahangarwa bazoronswa

Abanyeporitike bahunze igihugu ntabudahangarwa bazoronswa

jeudi 12 Ntwarante 2015

Mu gihe hari abarongoye imigambwe bahunze kandi muri abo bakaba bakurikiranwa n’ubutungane, umushikiranganji avuga ko ivyabo bizigwa bashitse mu Burundi, ariko igikuru ari uko bogaruka mu gihugu.

Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba yaheruka guhamagara abanyeporitike kugira batahuke, ariko akaba yavuze ko ubudahangarwa basaba ku bakurikiranwako ivyaha mu Burundi, bitoshoboka kuko hoba hariko harasasirwa indava ikibi. Edouard Nduwimana akabandanya ahamagarira abo banyeporitike bahunze kugaruka mu gihugu c’amavukiro, kugira bitegurire amatora, bongere batunganye n’imigambwe yabo.

Bamwe mu batavuga rumwe na Reta nk’abari mu migambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri nka Alexis Sinduhije na Leonard Nyangoma, bakaba barahunze, kandi bakaba bafise n’amadosiye mu butungane. Tukabamenyesha ko abasanzwe bafasha Uburundi, basaba ko abanyeporitike bahunze bogaruka, mbere co kimwe n’abatavuga rumwe na Reta bari mu Burundi, bakoroherezwa mu gukora poritike neza.


IGIHE

Messages

  • Ivya Nduwimana turazi ko ari mugabo niryo mugabo siwe murundi.

  • Mana waremye Nduwimana, ariko ata n umusi uheze avuze ko kwizina rya leta abahamagaye agaca abihindura? burya mbona bisigaye bigoye, none twofata ko avuga ivyo atiyunviriye, canke aravuga bakamuvuguruza, kimwe gusa abahunze s abana, kandi mbona bamusumya pilitique

  • Nibaza Ko Edward Nduwimana Yihenda Cane Kuko Nabo Ashigikiye Ntibera Kiretse Abo Yagiriza Ivyaha Ariko Bahunze Urupfu Kandi Nawenye Ntiyera Dufatiye Kuvyabaye Ibusinde Naba Fnl Bishwe Bivuye Kukubacanishamwo Ahakuru Yogirineza Kuko Niyintwaro Yahinduka Azobiryozwa

  • nukuri actatga rumwenareta barakwiye guiabwa ijambo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.