Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshure bo mu gisata ca Génie civile kuri kaminuza y’Umuco bugarije iryo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abanyeshure bo mu gisata ca Génie civile kuri kaminuza y’Umuco bugarije iryo (...)

Abanyeshure bo mu gisata ca Génie civile kuri kaminuza y’Umuco bugarije iryo shure

vendredi 14 Munyonyo 2014

Abanyeshure bo muri kaminuza yitiriwe Umuco ‘’ Universite Lumière de Bujumbura ’’ baheruka kugarirwa igisata bahora bigamwo c’Ubuhinga mu vy’inyubako, bazindutse bugariza ubuyobozi bw’iyo kaminuza.

Abo banyeshure bari bambaye impuzu zifise ibara ry’irabura, mu gihe bashika kuri iyo kaminuza y’umuco mu gatondo ko kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 14 Munyonyo, ikigo co ku Mutanga. Inyuma yaho, umuyobozi ajejwe inyigisho kuri iyo kaminuza ( Directeur Academique) yahavuye abagirisha inama abasaba ko bokwihangana bakarindira kugira baze babarungike ( Transfert) kuri kaminuza yitiriwe Ntare Rugamba, ariko abo banyeshure ntibamwumvirije bahisemwo gusohoka.
Niho kuca birara mu mashure kubera agashavu bugariza abandi banyeshure, ndetse n’abariko bakora ibibazo bakaba basohowe.

Abo banyeshure rero bavuga ko bariko bagaragaza akababaro kabo, kuko ikibazo cabo cadindiye kandi ngo ntakuntu abandi bobandanya biga nabo barabafutiye igisata, kandi amakosa atabavuyeko. Basaba ubuyobozi bwa kaminuza y’Umuco gutorera inyishu ico kibazo, basaba umushikiranganji ajejwe inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore, gukubita agatima mpembero akabareka bakiga. Mu buyobozi bwa kaminuza y’ Umuco bagasaba abo banyeshure kwihangana bagashobora gutorera inyishu hamwe.

Tubibutse ko haheze ukwezi kurenga, ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bufashe ingingo yo guhagarika ico gisata. Abo banyeshure rero bakavuga ko batabona ico bagiye kuba mu gihe bari bamaze amezi icumi yose bariko bariga.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.