Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abari mu mashirahamwe ataho yegamiye bararajwe ishinga n’ubusuma mw’iyandikwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Abari mu mashirahamwe ataho yegamiye bararajwe ishinga n’ubusuma mw’iyandikwa (...)

Abari mu mashirahamwe ataho yegamiye bararajwe ishinga n’ubusuma mw’iyandikwa ry’abazotora

jeudi 4 Kigarama 2014

Abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu Burundi basaba ko umurwi CENI guhagarika ivy’iyandikwa ry’abazitabira amatora, bayage n’abo vyega bose kubera ubunenge bwibonekeje muri ico gikorwa.

Ayo mashirahamwe ahurikiye muri FORSC, COSOME n’ayandi akaba yari yateguye ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru bakaba bavuga ko ababaserukira mu ntara bagiye barashikiriza ibinenge bidasanzwe muri iri yandikwa ry’amatora ririko riraba. Bavuga ko bamwe mu banyagihugu biyandikishije kenshi, abandi ugasanga bafise amakarangamuntu atagira ibidodo, abandi bakiyandikishiriza ahatazwi n’amategeko mu gihe izo ndangamuntu bishika zikanahabwa n’abatarakwiza imyaka.

Justine Nkurunziza arongoye COSOME, avuga ko mu kurindira ingingo zizofatwa n’umurwi CENI hamwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kuri ivyo bagiye barashikiriza, basavye abanyagihugu bose kubandanya biyandikisha, ariko kandi bagasaba abo bakwije imyaka yo gutora. Abo badaharanira ivyicaro vya poritike bagasaba Reta guhagarika iryo tangwa ry’amakarangamuntu riciye mu busuma, umurwi CENI nawo bawusaba guhagarika iryo yandikwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nibara! Ariko abanyafrika tuzohinduka ryari? Igihe niga bambarira ko gutricha ari caha. Muraya matora arimwo ibinenge karangamuntuzitangirwa hose mwisoko, kubiriyo, kumaligala,mwishamba, Imbonerakure ziratwara les registres muhira iwazo vyose bikaba atacamira. CENI umengo ico ikora c-est de minimiser les erreurs soulevees kuko bo barazi uwo bariko bakorera. Nibikebuke bigishoboka kuko ano mashirahamwe ntarira busema. Kdi bino bintu bidahagaze bonjour akajagari n-umutekano muke .

  • Burya nta numwe abura aho yegamiye,ntiba vuge ngo n’amashirahamwe ataho yegamiye!urazi ko ajuragiza?Kuvuga ngo abanyagihugu babandanye biyandikisha,hanyuma bagasaba umugwi ceni guhagarika kwandika abazotora none aho ukuri n’ukuhe?Je numva bashikirije ivyo abanyamigambwe bari bavuze!mwumva batahengamiye kuvyiyumviro vy’abanyapolitike!Alain nawe ati":...akajagari,umutekano muke."ninde agomba kugatera?Ni babona arivyiza barakor uko!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.