Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi baba hanze babariwe ko akari inyuma gahinda mw’iterambere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Abarundi baba hanze babariwe ko akari inyuma gahinda mw’iterambere (...)

Abarundi baba hanze babariwe ko akari inyuma gahinda mw’iterambere ry’igihugu

samedi 14 Kigarama 2013

Inyuma y’urugendo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yahoramwo mu gihugu c’Ubufaransa aho yari mu nama ihuza Afrika n’Ubufaransa, umukuru w’igihugu yarashoboye kubonana n’abarundi baba mu vya Buraya, aho bavuganye ibitari bike mu bijanye n’ubuzima bw’igihugu.

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yaramenyesheje abo barundi bashika hafi amajana atanu bari aho, ukwo ibintu vyifashe mu gihugu. Ku bwa Nkurunziza ibintu vyifashe neza cane muri rusangi. Umukuru w’igihugu rero akaba atibagiye kumenyesha ko, mu bikorwa vy’iterambere rusangi, hubatswe ibitari bike, aho akavuga iyubakwa ry’amashure, inyubakwa zikoreramwo amakomine, amavuriro, inyubakwa zikoreramwo intara, n’ibindi. Kuva mu mwaka w’ 2007, Nkurunziza yabariye abo barundi baba mu bihugu vya Buraya ko amashure ibihumbi 3200 vyubatswe, ni ukuvuga ko hubatswe amashure urwije na kabiri yayubatswe kuva Uburundi bwikukiye. Eka ndetse si ivyo gusa, kuko n’amashure ya Kaminuza yararwiriye nk’uko umukuru w’igihugu abivuga, amenyesha ko kuva mu mwaka w’2007 gushika uyu munsi, Uburundi bugeze kuri kaminuza 17.

Umukuru w’igihugu akaba yamenyesheje ko akari inyuma gahinda aravye ukwo ibintu vyifashe mw’iterambere ry’igihugu c’Uburundi, haba mu gisata c’umutekano, iyubakwa ry’amashirahamwe, amasezerano y’ugucukura ubutare aha na hariya aho hazokenerwa abahinga bashika ku majana ane, muri abo, abarundi bakaba aribo bazoshirwa imbere. Ikindi yababariye, akaba ari ibijanye n’imigenderanire myiza iri hagati y’Uburundi n’amakungu, aho Uburundi buguma bwizerwa n’amakungu mu kuja kugarukana amahoro mu bihugu bitandukanye, eka ndetse n’abarundi bakaguma bizerwa mu kuja kurongora inzego nkuru nkuru zo kugarukana umutekano mu makungu. Aha Nkurunziza akaba yatanze akarorero ka Petero Buyoya yahoze arongoye Uburundi, ubu ariwe arongoye MINISMA (Mission Internationale de Soutien au Mali), AMISON (Mission de l’Union Africaine en Somalie) ubu irongowe Lieutenant Général Silias Ntigurirwa eka na MISCA (Mission Internationale de Soutien à la République centrafricaine) yahawe Général de Brigade Athanase Kararuza nk’icegera c’umukuru.

Umukuru w’igihugu akaba asaba abarundi baba hanze gushigikira Uburundi eka ndetse n’ukubuvuga neza. Ikindi yasavye abo barundi baba hanze, n’ugukora ibishoboka vyose kugira baze baraza kurangurira imigambi yabo mu gihugu.

Mu bibazo vyashikirijwe umukuru w’igihugu, abo barundi bakaba barashikirije umukuru w’igihugu amakenga atandukanye ku bijanye n’ipfungwa ry’agasakisaki ry’abantu batavuga rumwe n’ubutegetsi aha bakavuga ipfungwa rya Frederic Bamvuginyumvira icegera c’umukuru w’umugambwe Frodebu, akaba yarabaye n’icegera c’umukuru w’igihugu, amakenga kw’ihinduka rya zimwe mu ngingo ziri mw’ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi abatari bake basemerera, ingorane zama zibonekeza muri kaminuza y’Uburundi, ikibazo c’impunzi z’abateshejwe izabo bo mu Ruhororo, n’ibindi.

Tukabamenyesha ko uyo mubonano hagati y’umukuru w’igihugu n’abarundi baba mu zaburaya wari wavuzweko vyinshi, ndetse bikaba vyaranavuzweko abarundi baba hanze bari mu migambwe itavuga rumwe na Reta, boba bari bandikiye ikete uwurongoye igihugu ca Hollande, bavuga ko Petero Nkurunziza atwaza umukazo, n’ugushaka guhindura ibwirizwa nshingiro abandi batagishijwe inama.


Aristide Nizigire

Messages

  • ivyo nivyiza nanj ndumwe mubarinyuma yigihugu ariko ako yavuze karinyuma gahinda habe hatarimwo guhindura ibwirizwa shingiro wenyene kuko ako nakagaye yagaye abandi banye poritik hamwe nokugomba guhonyaga amatageko ya arusha muri tanzaniya

  • Hahahaha, mpebe ntwenge! ako kari inyuma tuzokarindira gushika ku muhero w’isi; imyaka hafi 10 igomba ihere ko mbona dutera dusubira inyuma? Murabesha abandi je ntacizere ngifise .

  • Vyob vyiza agiye aradutemberer natwe Ino muri australia

  • ako gahinda turakarindiriye!Mbega ivyo atakoze agifise uburenganzira bwo gutwara azobikora ari iki?Ni agende adukinjurire!

  • Vyarivyiza iyaba yavuga ukuri ariko kuvuga ngo dutahe kurangura imigambi ngaho mu Burundi nivyiza::ariko ako kajagari k OBER twama twunvise gateye ubwoba::

  • Uwo peter nta nisoni kugira ayomashuri aturatira yigamwo na bande ?ko mbona na boyizemwo bariko batotezwa.mega hoho nikuki atavuga kubijanye nukubahiriza agateka kazinamuntu kandi arico coje imbere?eka biragaragara ko ari umukozi wa satani.nyakubahwaPresident wi Burundi nimwikebuke mureke kuguma musesa amaraso ya benewanyu ndakurahiye ivyo urigukora Imana ntizovyihanganira nivyo ubesha ngo urumusenzi.arikonubundi uriwe Ariko urumusenzi washetani ntawasenga Imana ngwakore nkivyo murigukora na Yesu yaragize ngo mu zabamenyera kumbutozabo.sinzi rero abo warikwifatira hiyo zaburayi ko badakurikirana ivyo mukora canke harimwo abakuyoboka.?Abarundi mwese nimukanure inkonazarabazibiyeamaso ntimukibona kuvyukuri ntimubona ko batwiciye igihugu?ariko je ndabahojeje Imana irabibona vyose .

  • Mbe yohimdisha iki ko ari propagande !!!Ariko ethnisme ntayo yahamvye kuko birya vya 40 et 60 ariko arabikura ,,,ntavuge ariko aradusubiza inyuma..

  • Ivyo perezida Nkurunziza avuze nivyo jewenagiyeyo muri 2009 nongeranjayo muri 2012 nisunze ukonagendayo nazandasanga hariho ibintu bizabiriyongera mwiterambere ndemezako akarinyuma gahinda, Ikintunabonye twesabarundi bababari mugihugu canke abarihanze dukwiye gufatikanya tukakironderera umuti nukukora ukodushoboye kugira igitigiri cararabadafunguye kigabanuke kandikibituma nukubura akazibakora kugirabaronke amahera yokuja gusuma kuko igitigiri cabenegihugu kitagira ahogikubita isuka carongerekanye. Umuvyeyirero akubwiyengo ingodukore ntumwumvire hanyuma ivyoyiyumvira kuzoshikako ntabishikeko nawewe mwana murubwobukene burimururworugo ububifisemwo uruhara.

  • Abarundi babahanze yuburundi bakora ibikorinka mugihugucabo camavukiro,Arikohariho nabandi murabo barundi babahande murayomakungu barazwinshinga nokwandika ama commanteri yogucurika nogucuranura igihugu cabo bitacamavukiro, Ndashimako abarundi barimugihugu iyodutembereye mu Burundi ntabwobabitwitirira ivyabobinyegeza inyuma yamazina nka Kirinyota na Kibizuru.

  • azokwama ahindisha ako kari inyuma nyene burimwanya, ako atahindishije mu myaka umunani amze azogahindisha yaragiye, namba gahinda mukurementaniriza abari mu kibiri na FNL hamwe naba journaliste, na societe civile. yemwe kazohinda nyabuna mu matora ya 2015 murindire muzobona, aba fnl bo bamenye ko aribo umenga nibobama baronderwa nabo babica,,,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.