Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi baba i Dubai bagiye kubandanya bashigikira abahuye n’ivyago - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Abarundi baba i Dubai bagiye kubandanya bashigikira abahuye n’ivyago

Abarundi baba i Dubai bagiye kubandanya bashigikira abahuye n’ivyago

dimanche 27 Ndamukiza 2014

Abarundi baba i Dubai basaba abandi barundi baba mu makungu kugarukira ku banyagihugu baherutse guhura n’ivyago bakabura ivy’abo n’ababo mu mvura yahitanye abantu mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo, nk’uko bivugwa na Eddy Kevin Gahire.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Eddy Kevin Gahire arongoye ishirahamwe ry’abarundi baba i Dubai avuga ko abarundi aserukira baherutse kwegeranya imfashanyo igizwe n’ibifungurwa bitandukanye biciye amafaranga imiriyoni zitandatu. Avuga ko iyindi mfashanyo igizwe n’impuzu iri mu nzira iza, iyo ikazofasha abo barundi basizwe iheruheru n’iyo mvura kw’igenekerezo rya 9 rishira 10 Ruhuhuma uyu mwaka.

Abahungiye ku Mubone hamwe no kwa Buyengero akaba aribo baronkejwe iyo mfashanyo. Eddy Kevin Gahire akavuga ko iyo ari intango, abarundi bari kumwe hanze bagiye kubandanya bashigikira abandi barundi bahura n’ivyago bitandukanye. Mukamenya ko ivyo bikorwa vyo gushigikira abo banyagihugu, vyari vyatewe iteka n’umushikiranganji wo gufatana mu nda Clotilde Niragira.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ndabashimiye cane burya umuntu yagiriwe ubuntu akaronka igigishoborakumutunga akogera akamanyurako akamanyugatoya agaha abagowe uwoniwe ababaye intumwa y’Imana kandi ababikije ubutunzi mw"Ijuru,Murakaramba muragakomeza kuronka ivyomutanga nivyomusaguza murabarundibeza ukwonikwogukunda igihuguvyukuri,buryagukundigihugu sugukunda igicapo canke izinaryaco gusa nugukunda abakirimwo abenegihugu ningezi zibazikirimwo, ukamawifurizako abarimwicogihugu ukunda babaho neza hagira uwugira akagorane ukamera nkuwubabarana nawe biciye bugufasha ibishoboka nkuko bikozwe nababasazabacu nabashikibacu baba i Dubai.

  • Urakoze mufasoni MAMA gutera integer,nugushimira abo bavukanyi bacu bigenze Ubuntu mugufasha abobantu bagize ivyago,nabandi nibarabireho akarorero,ntibabe nkababandi bashaka ko twama mumudurumbanyo,uraraba bamwe biyita,ba nwari ,bukobwajana ,bumwe na bandi badatomoye muvyo bahora bashikiriza kwibi bifitiye akamaro igihugu na banyagihugu ntanico babivugako,barya narabahebeye,kuko ivyo bavuga ntanzira bigira,nanje ndashimiye bimwe vyumwihariko abo barundi baba Dubai,baratandukanye nabamwe bamaze imisi mumyiyerekano,ngo baranka L,Etat ukamenga nibo bazishira kubutegetse,ndabifurije kuramba bavukanyi.

  • Twagira dushimire abarundi bose bashoboye kugira ico baterera kurabo bantu bahuye nivyago vyi mvura yisegenya haba kubijanye nuburyo inguvu canke amasengesho ,nabashoboye kubaremesha mukubaba hafi vyumwihariko twagira twongere dukeze abo barundi baba Dubaï tunabasaba kutarambigwa no kwama bari hafi ya bakene nabahuye nivyago imana yonyene niyizi impera izobaha binahamagarire abandi barundi bose iyo bari hose kwisi kwama bibuka benewabo nigihugu cacu . Ndemeza neza yuko atamuntu numwe kwisi avukana urwanko bose barwigira kwisi .niba bishoboka ko biga ugwanko nikimenyetso cemeza neza ko bishoboka ko twigisha urukundo , guhera ubu rero dusavye umwe wese ahari ko yokwigisha urukundo maze urukundo rutsinde urwanko nishari maze kwisi higanze ivyiza murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.