Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi baba mu Bubirigi basaba ko ibwirizwa shingiro ritokomwakomwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Abarundi baba mu Bubirigi basaba ko ibwirizwa shingiro ritokomwakomwa

Abarundi baba mu Bubirigi basaba ko ibwirizwa shingiro ritokomwakomwa

samedi 2 Munyonyo 2013

Abarundi baba mu gihugu c’Ububirigi barandikiye ikete umukuru w’igihugu c’Uburundi, bamusaba ko atohirahira guhindura ibwirizwa shingiro wenyene kugira yitoze ikiringo kigira gatatu mu mwaka wa 2015. Bamusaba kureka kwumviriza abamuhanura kwitoza ubugira gatatu, kuko abo ari abarondera inyungu zabo birengangije iz’abanyagihugu.

Abarundi baba mu gihugu c’Ububirigi barandikiye ikete umukuru w’igihugu Petero NKurunziza bamusaba kudasubiramwo ibwirizwa shingiro rya Republika y’Uburundi kugira atware ikiringo ca gatatu, bati niho azoba ateye iteka igihugu akongera akaryitera na wenyene. Abo barundi nyene bamusaba kudasubira kwiyumvira gutwara Uburundi irigira gatatu kuko ahejeje ibiringo vyiwe bibiri, bati nyakubahwa mukuru w’igihugu abaguhanura gusubiramwo ibwirizwa shingiro kugira witoze ubugira gatatu, n’abarondera inyungu zabo birengagije iz’abanyagihugu.

Babandanya basaba umukuru w’igihugu kugirisha ibiganiro bihuza abitaho ibibazo vya politike mu Burundi kugira baje hamwe bigire hamwe ivyo hindurwa mw’ibwirizwa shingiro, bahurijeko bose gurtyo bihure n’itegeko rigenga amatora. Abo barundi baba mu gihugu c ‘Ububirigi basaba kandi umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, kudasubira kwiyumvira gutwara ubugira kandi, kugira ubugenzi n’abasanzwe bafasha Uburundi, babandanye bashigikira imigambi y’iterambere kuko kanatsinda intwaro rusangi irangwa no gukurakuranwa ku butegetsi.

Muri iryo kete, babandanya bagira bati, nyakubahwa mukuru w’igihugu mu gihe mwohindura ibwirizwa shingiro mutumvirije abandi, muzoba murenze amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwemeje y’ibihugu vy‘afrika ajanye n’intwaro rusangi, amatora n’intwaro ibereye, babandanya bagira bavuga kandi ko hamwe umukuru w’igihugu c ‘uburundi yorinda ahindura ibwirizwa shingiro wenyene, inama y’umutekano y’ibihugu vy‘Afrika ishobora gufatira ibihano igihugu c ‘Uburundi.

Abo barundi baba mu Bubirigi rero, bavuga ko abarongoye iki gihugu batizigiwe na gato kugira bahindure ibwirizwa shingiro, kuko ivyavuye mu matora yo mu mwaka wa 2010 vyahakanywe na bamwe mu banyepoltike. Bati umugambi wo guhindura ibwirizwa shingiro ntuhuye n’amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibgirizwa shingiro ryabonetse bigoranye.


Floxella Karire

Messages

  • kuki akagwi kabantu canke umuntu umwe ashobora kwiyitirira abarundi bose ? nibabaze abarundi bose bo benigihugu abo banyamigambwe bashaka kurengera inda zabo babihorere

  • ndabaramutsa mugire amahoro yimana abo barundi baba mububirigi babanze bamenye igituma baba muburigi berekane nakamaro bafitiye igihugu sebarundi ahubwo igire vuba ahinyanyure

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.