IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Abarundi baba muri Canada bariteguye gufasha kurwanya Sida mu (...)

Abarundi baba muri Canada bariteguye gufasha kurwanya Sida mu Burundi

vendredi 10 Rusama 2013

Uwurongoye ishirahamwe ryo gufasha abagendana ikiza ruhonyanganda Sida mu Burundi, umupfasoni Jeanne Gapiya, amenyesha ko mu rugendo yagize mu gihugu ca Canada yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko Uburundi bukeneye imfashanyo kugira bushobore kurwanya ikiza ruhonyanganda sida.

Umupfasoni Gapiya yashikirije ivyo igihe yariko avuga ku bijanye n’urugendo umunyamabanga mukuru wa Onusida yagize mu Burundi. Yaboneyeho kandi akaryo ko kugira ico avuze ku bijanye n’itegeko rishasha riherutse gutorwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka rizogenga umwuga wo ku menyesha amakuru mu Burundi.

Gapiya amenyesha ko ingaruka mbi zizokwibonekeza mu gihe iryo tegeko ryoshirwako igikumu n’Umukuru w’Igihugu. Abandanya ashikiriza ko igihe yari mu rugendo mu gihugu ca Canada ko Leta y’ico gihugu yamenyesheje ko inkokora zo gufasha Uburundi zacitse kuva aho bumviye ko ukwidegemvya kw’abamenyeshamakuru kwahagaritswe.

Umupfasoni Gapiya abandanya amenyesha ko afise umugambi wo kurondera abofasha kugira hubakwe irerero ry’impfuvyi hamwe n’ibitaro vyo kwibarukiramwo abavyeyi bagendana umugera wa sida, ariko cane cane akisunga incuti z’Uburundi ziba mu gihugu ca Canada, ati mugabo rero ingorane z’iryo tegeko ntizibura kuko ribakurikira aho baja hose.

JPEG - 79 ko

Muri urwo rugendo yagize mu gihugu ca Canada, umupfasoni Gapiya amenyesha ko abarundi babayo eka baba no mu bindi bihugu bemeye ko bazohora batanga intererano yabo buri kwezi kugira ibitaro vyo gufasha abavyeyi bibaruka baranduye ikiza sida, irerero ry’impfuvyi eka ndetse n’Uburundi buzira urwaruka rwanduye uyo mugera wa sida bije mu ngiro mu maguru masha.

Kubwa Jeanne Gapiya rero, hamwe Umukuru w’Igihugu atoshira umukono kuri rirya tegeko, Uburundi bwoba butomboye kuko hamwe rirya tegeko ryoja mu ngiro, Uburundi bwoba buzibiye imihora yaba bufasha na cane cane ko ari igihugu kiri mu bihugu bikenye vyo kw’isi.
Amashirahamwe mpuzamakungu nayo akaba adasubira gushigikira imigambi y’iterambere mu gihugu iyo abamenyeshamakuru batagira ubwigenge.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.