Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi baba muri Kenya baributse igandagurwa rya Rwagasore na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Diaspora > Abarundi baba muri Kenya baributse igandagurwa rya Rwagasore na (...)

Abarundi baba muri Kenya baributse igandagurwa rya Rwagasore na Ndadaye

vendredi 25 Gitugutu 2013

Ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu ca Kenya bwaratunganije ku munsi w’Imana w’iyi ndwi tugira turangize, ibirori vyo kwibuka imyaka mirongo itanu n’ibiri iheze umuganwa Rudoviko Rwagasore, n’imyaka mirongo ibiri Ndadaye Melchior, bamaze bagandaguwe.

Abarundi baba muri Kenya bahuriye mu nkuka y’imisa yatanguye kw’isaha y’umunani mu sengero "Saint Vincent" isomwe na Patiri Garasiyano Nadugu. Muri iyo nkuko y’imisa, Patiri Garasiyano Nadugu yaragarutse ku buzima bwa Rwagasore na Ndadaye, ubuzima bwaranzwe n’uguhuza abarundi, ubumwe, urukundo n’ugusabikanya.

Inyuma y’iyo nkuka, abari bitavye ivyo birori harimwo abarundi baba mu gihugu ca Kenya barumvirije ijambo umuganwa Rudoviko Rwagasore yashikirije bukeye umugambwe wiwe UPRONA utsinze amatora, hamwe n’ijambo Ndadaye Melchior yashikirije yatsinze mu matora y’umukuru w’igihugu.

Ezechiel Nibigira, aserukira igihugu c’Uburundi muri Kenya, mw’ijambo ry’uwo munsi yarashimiye abarundi bitavye akamo ubuserukizi arongoye bwari bwabateye. Yasiguye ko kubona iyo minsi ibiri ihimbarijwe ku munsi umwe ari kubera ikibazo c’umwanya n’uburyo. Yasavye abarundi bari ngaho kwama baha agaciro Rudoviko Rwagasore, incungu y’ukwikukira, na Ndadaye Melchior, incungu y’intwaro rusangi. Ezechiel Nibigira yibukije ko amaraso abo bompi basheshe ari ay’agaciro ntangere ku buzima bwa politike n’imibano vy’Uburundi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.