Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundikazi bokwiga amashure menshi mu kwikingira ikubagurwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abarundikazi bokwiga amashure menshi mu kwikingira ikubagurwa (...)

Abarundikazi bokwiga amashure menshi mu kwikingira ikubagurwa bagirirwa

dimanche 27 Gitugutu 2013

Ugufatwa ku nguvu kw’abigeme n’abagore mu gihugu si agaseseshwa rumuri, ari naco gituma ishirahamwe APFB (Association de Coopération et Recherche pour le Développement) rifashijwe na Acord bijukiye kurwanya ayo mabi ku mw’igeme w’umurundikazi mu kubakaburira ubumenyi.

Kugira abigeme b’abarundikazi bashobore kurwanya ako kabi, n’ukwo ubwabo bobanza bakijukira ishure, kuko ariho hambere hazobafasha gutahura ubwa mbere ukwo bokwirwanako, bakareka kwama barwa mu minwe y’ibimwenyi, binashurashuza ku nguvu. Ukwiga rero nk’uko bivurwa na Nicelatte Niyongere ajejwe ibikorwa muri Acord, si ukumenya gusoma n’ukwandika gusa, ahubwo ni ukwiga amashure maremare, bakaminuza.

Ikindi kizofasha umwigeme w’umurundikazi kurwanya ikubagurwa rifatiye kugufatwa ku nguvu nk’ukwo bibandanya bivurwa na Nicelatte Niyongere, ni ukwo umwigeme w’umurundikazi wese yotegerezwa kwigenga Ubuntu, akiyubaha, mu kwambara impuzu zimutuma atirimutsa abandi, kumenya amasaha yo gutaha mu rugo mu kwirinda gufatirwa mu gahinga batashe mw’ijoro. Abigeme b’abarundikazi bakwiye kwimenya, bakamenya ubuzima bwabo, kandi bakamenya ko ubuzima ari amazi aseseka ntibayore.

Ikindi n’ukwo bokwirwanira, bagafashanya n’amashirahamwe ajejwe agateka ka zina muntu n’ayaharanira iterambere ryabo, mu gushengeza abafata ubuzima bwabo nk’ikidandazwa aho abatari bake basigaye banashorwa kudandazwa nu bihugu vyo hanze.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.